AFISA RAJ.B ngo niwe umwigisha wa BIG FIZZO w’umuziki azomukubita inkoni idasanzwe


Umuririmvyi  AFISA RAJ.B aherutse kumenyesha ko umuririmvyi BIG FIZZO yamwihakanye kandi ngo ariwe yahora ari umwigisha wiwe w’umuziki amwandikira indirimbo nk’indirimbo WAHT’S MY NAME yamukuye kure mu gihe yayisohora kubera yari yatanguye kuzimangana mu muziki w’uburundi hama harimwo indirimbo 5 yamwandikiye yari gushira muri Album yiwe nshasha yise FIZZOLOGY ubu yamwankiye ko azoziririmba canke azisohore abanze amusabe imbabazi abone kuzisohora,noneho ibintu biguma bikomera yamubwiye ko atamutinya kuri beef.

Kuno munsi wa gatatu yashoboye kubimenyesha aba fans biwe uno muririmvyi  y’uko yinjiye muri Studio gukorerayo indirimbo nshasha ikaze idasanzwe mu kuzoyiririmbira umuririmvyi BIG FIZZO amubwiye ati mu gihe ukoshereje umwigisha igikwirikira akurahana canke akavukubita inkoni uri wamusazi.”amubwiye ngo arindire vuba kumviriza indirimbo nshasha yiwe yamukoreye mu kumubitamwo inkoni  y’amajambo y’imistari bidasanzwe kuko y’aramukoshereje mu kumwibutsa igihe yamwihakana kwatamuzi azi y’uko bigeze gukorana indirimbo amufasha no kumwandikira imistari y’indirimbo 5 harimwo n’indirimbo WHAT’S MY NAME  avuga ko nawe yavyemeye imbere y’abantu benshi.

11062817_413065848853896_8413157690888267062_oNkuko Afisa Raj.B ahejeje kubimenyesha mukanya kwari muri Studio gukora indirimbo nshasha atashimye kuvuga izina ryayo ambwiye aba fans biwe bayitegurire akanavuga y’uko yayikoze mu kumukubita inkoni y’amajambo adasanzwe Big Fizzo kuko yaramukoshereje rero iyo umunyeshure akoreye ikosa umwigisha wiwe ategerezwa kumuhana agaheza akikosora munyuma niwe RAPMASTER bagiye guhangana na MANYANGUA.

Arameza neza ko indirimbo yiwe nshasha iriho yamukoreye amumenyesha ko yayimukoreye kandi abanywanyi mu muziki w’uburundi muyitegurire vuba muzoyumva ayisohoye k’umugaragaro  kubera ngo umwanya uwari wo wose arayisohora iyo ndirimbo tubamenyesheje ko uwo muririmvyi kino gihe asanzwe ari  mugihugu ca Kenya ninaho yayikoreye izokumvikanamwo amajambo y’imistari menshi azomuririmbira ya Rapmaster ayariribiye uwo ngo yigishije umuziki ariwe Big Fizzo mu kumwandikira imistari y’indirimbo ziwe nkuko yavuzemwo imwe izina ryayo ni WHAT’S MAY NAME.

13419011_1286332471407306_2638015391300449132_nIco twobamenyesha abanywanyi mu muziki w’uburundi n’uko aba fans b’umuririmvyi Afisa Raj.b nab’umuririmvyi Big Fizzo batanguye guterana amajambo kubera indirimbo nshasha yiwe yavuze kw’agomba gusohora  azomuhana amukubita inkoni kubera ngo yamukoshereje niho batangura kuvuga ati:” ushaka umukubite n’imistari yawe niwe yagutanguje umuriro rero muturire uri umwishira w’imistari ikomakomeye.”Abo bari aba fans ba Afisa Raj.b baguga uko hama aba fans ba Big Fizzo bavuze ngo:” Big Fizzo n’umuririmvyi wo kuva umwaka wa 1990 gushika nuno mwaka arazwi rekana nawe tekereze wibaza ko wamaze gushika?

Umuririmvyi AFISA RAJ.B yarahiye ararengwa y’uko indirimbo yiwe nshasha yayikoze muguhana Big Fizzo ko yamujokeje kandi ariwe umwigisha wiwe w’umuziki y’amwandikira imistari y’indirimbo yamwise kwari umusazi “Mwenda wazimu”ayitegurire vuba azoyumva  agomba kuzoyisohora  yongeye amenyesha aba fans biwe bayitegurire kubera niwe muti wiwe nkuko ari umwishira w’imistari ikomakomeye yamwandikira mundirimbo  none ubu ngo agiye kumubona icarico nico yaramumariye nk’umwigisha wiwe.

13450877_1027192434001553_8705637292986666984_n
Afisa Raj.B NGAHO YARI MURI STUDIO GUKORA INDIRIMBO YIWE NSHASHA AVUGA KO AZOMUHANA Big Fizzo MU KUMURIRIMBA AMUHAMWO UBUTUMWA

Munywanyi mu muziki w’uburundi tukubarire y’uko indirimbo nshasha y’umuririmvyi AFISA RAJ.B yabamenyesheje y’uko ariwe umwigisha wa BIG FIZZO w’umuziki yigze kumwandikira indirimbo 5 harimwo n’indirimbo What’s My Name kuno munsi wamwise kwari umusazi “Mwenda wazimu”yitegure kumva ico yamubwiye nk’ubutumwa mundirimbo yiwe nshasha yatanguye gukora ubu amwemereye ko vuba iyo ndirimbo azomukubitamwo inkoni idasanzwe y’ubutumwa bw’amajambo ayiteguriye kuzoyumva hama namwe muzoshora kuyumviza,tuzogerageza kuyibarondera niyamara kuyisohora muraguma hafi mbega bizoherera hehe ko y’amubwiye ngo niwe yatanguje beef bayibandanye kuko ntamutinya?

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s