NATACHA yagiye kuramutsa YAMOTO BAND i Dar-Es Slaam abaha agakemanyi k’ifutari y’ukwezi kwa Ramadhan


Umuririmvyikazi NATACHA uy’umwaka akomeje gukora neza mu muziki w’uburundi na East Africa kuko abantu benshi barashimishwa n’ibikorwa vyiwe yampa akora mu kubibashikiriza k’umugaragaro ubu ari mugisagara ca Dar-Es Slaam abandanya kubonana n’ibihangange vyaho bikora umuziki aho yabonanye n’umurwi wa YAMOTO BAND m’urugendo rwiwe arimwo mugihugu ca Tanzania nkuko y’aramaze gukorana indirimbo n’uwo murwi  yitwa “UNANIONGOPEA” bongera bayikorera Video bimaze gusohoka k’umugaragaro yabiciye biracika muburundi eka no muri kano karere ka Afrika yubuseruko no gushika nuno mwanya ikibandaya gukundwa n’abantu benshi cane gose na canecane bakunda kuraba Video.

NATACHA mu gihe twaganira nawe mubuhinga ngurukana bumenyi yamubajije icatumye ashobora kwiyumviriza kuja kuramutsa umurwi YAMOTO BAND akaba y’atumenyesheje y’uko y’afashe ingingo yo kuja kubaramutsa mu ntumbero yo kubipfuriza amapfungo meza y’ukwezi kwa Ramadhan barimwo kuko basanzwe bari mw’idini rya Islamu ikindi yavuze y’uko ntaho atari umu isilamu ntakintu coza kimubuza kubaramutsa canke kubatemberera kubera arubaha ukwizera kw’abantu bose nkuko y’afashe n’akaryo ko kwipfuriza amafungo meza y’ukwezi kwa Ramadhan kub’islamu bose na cane cane abaririmvyi bari muri ryo dini basanzwe bava mukarere ka Afrika y’ubuseruko “EAST AFRICA”

13516632_2137337673211452_3845448469705230693_nTwobamenyesha aba fans b’Umuririmvyikazi Natacha  hamwe n’abanywanyi mu muziki w’uburundi mu kwirikirana cane hafi ibikorwa akora mu kubaha indirimbo na Video zibaryohera kuraba no kumviriza n’uko igihe yagenda kuramutsa umurwi wa YAMOTO BAND yari yitwaje agakemanyi kabafasha kugira baronke ivyo gumfungura amasaha yaheze nkuko bari mumafungo benshi bakunda kuvuga ko ari “IFUTARI” bakakiriye neza cane gose bamushimiye kumutima w’urukundo yaberetse vyarabanejereje cane gose aragahorana uwo mutima.

Ikindi twobamenyesha mur’urwo rugendo rw’ibikorwa rwiwe rwamujanye mugihugu ca Tanzania aho yashikiye mugisagara ca Dar-Es Salaam yashoboye  kuhabonanira numwe mubahinyanyuzi baho bafata amasanamu muma Video yitwa Pablo ariwe yigeze kumufatira amashusho ya Video y’indirimbo yiwe y’akoranye numu Artist BANANA ZORRO asanzwe avuka muri cogihugu ca Tanzania nyene kandi yashoboye kuganira vyinshi n’uwo muhinyanyuzi Pablo yoba ariwe kandi agiye gusubira kumufatira amasanamu y’indirimbo yiwe nshasha yise “SHIKILIA”

13442215_2137337773211442_938274661722763666_nAheruka kubamenyesha aba fans biwe ko yahinyanyuwe n’umuhinyanyuzi LIZER CLASSIC akorera muri Studio WASAFI Record“WCB” isanzwe itwarwa n’umu Artist rurangiranwa wo mugihugu ca Tanzania na Africa yose benshi muziki nka DIAMOND PLATMNUZ yagiriye ko abamenyesha y’uko umwaka wa 2016 kuriwe n’umwaka udasanzwe  w’ibikorwa ruzomushikana kurwego mpuzamakungu azobandanya abanezera aba fans biwe aguma ateza imbere umuziki w’uburundi mu kuwumenyekanisha muri East Africa n’ahandi.

 

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s