FRANCK Pro azanye COMPANY THE CLASSICO mu Burundi abateguriye Lancement Concert yayo ukwezi kw’7


Big FRANCK Promoter benshi bazi kw’izina rya FRANCK Pro amenyekanisha ibikorwa vy’abaririmvyi n’abaririmvyikazi bakora umuziki w’uburundi akorera kukinyamakuru ciwe ari kumwe na TEAM+257 FRANCK Pro citwa http://www.yagatv.wordpress.com yaramaze umwaka wose afise indoto zo gutanguza ikindi gikorwa ciwe gishasha kizofasha Abarundi benshi n’Abarundikazi kuko agomba kugurura vuba COMPANY nshasha izohora ikorera mugihugu c’uburundi ibijanye na Photography na Shooting Video yitwa THE CLASSICO azoba azanye impinduka idasanzwe mugihugu nkuko abimenyesha kandi umu Cameraman wayo azoyikoreramwo mu kwakira abantu n’uwitwa GLORY-PRO.

FRANCK PRO avuga y’uko indoto ziwe za Company THE CLASSICO yaramazemwo yariko  yiyumvira no kwitegura neza mukuzishira ahabona ariko amenyesha Abarundi n’Abarundikazi atibagiye abaririmvyi n’abaririmvyikazi y’uko vuba hagiye kuba ishirwa ahabona ry’ibikorwa rizokorerwa muri iyo Company Classico ibizokorerwamo vyose iminsi yose bizoba iriko birarangurwa mu Burundi.

13041092_1534463473523404_2798643793324440361_o
GLORY

Mukiganiro twakoranye na FRANCK Pro asanzwe ari umu promoter rurangira w’umuziki w’uburundi nkuko abantu benshi bashimishwa n’ibikorwa akora rero yavuze ivyerekeye COMPANY yiwe nshasha THE CLASSICO igihe hazokugururwa ibikorwa vyayo bizokorerwa mugihugu c’uburundi ngo ibirori vyokuyugurura bizotangurwa ukwezi kuza kw’7 kuno mwaka wa 2016 bikazobera mugisagara ca Bujumbura yabateguriye”LANCEMENT  Concert“arasaba abarundi n’abarundikazi kuzoyitabira bazoharonkera vyinshi.

Umu promoter FRANCK Pro yavuze ko imyiteguro ya LANCEMENT  Concert yishira k’umugaragaro ibikorwa vya COMPANY THE CLASSICO abigejeje kure amaze kuronka abaririmvyi 6 hamwe n’umuririmvyikazi 1 bose bamwemereye kuzoza kwifatanya bamufasha kugurura iyo Company kandi  azobamenyesha amazina yabo yaronse ikibanza kizoberamwo iyugurura ry’ibikorwa mu Burundi gushika ubu aracariko arondera ico kibanza kizoberamwo ibirori  bishobotse hari igihe bizobera ahitwa ONE PEOPLE mugisagara ca Bujumbura.

13330959_238457996536824_6020654463496143369_n
Big FRANCK Promoter

COMPANY THE CLASSICO ya FRANCK Pro azanye mu Burundi yaciye kumayange ibintu bizokorerwamwo bijanye na PHOTOGRAPH na SHOOTING VIDEO ni kuvuga ko Abarundi n’Abarundikazi bazoba bashaka kw’ifotoza amafoto bazohora banyaragasa bakabibakorera ku giciro gitoye yashimye kukibambwira ni amafaranga 1000Fbu y’amarundi gusa,uzofotorwa amafoto 4,hama Abaririmvyi canke Abarirmvyikazi muzoshaka gukorerwa  Video yanyu murahawe ikaze  muri Company THE CLASSICO izokorera i Bujumbura kubiciro bitoya cane bizoborohereza.

Abarundi n’Abarundikazi mushaka gukora impanza zanyu mugakenera gukotesha CAMERA CANON canke mushaka ko Company THE CLASSICO ibahagarikire murubanza rwanyu mu gufotora no gufatwa amasanamu vyose hamwe ku giciro gitoya  muzomenyeshwa neza ibiciro munyuma ukwezi kuza niho hazomenyekana ibiciro haheze  LANCEMENT  Concert arangiye ahamagarira abantu bose muba mu gisagara ca Bujumbura kuzokwishira kuri iyo  LANCEMENT  Concert vuba muzomenyesha ikibanza,itariki izoberako kandi kwinjira ni k’ubuntu nt’amafaranga azotangishwa akabirya muzofotorwa k’ubuntu ataco mutanze canke mwakwe.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s