Abigenza gute MISS ROCHER yavuze kwakura”INSPIRATION”zo kuririmba kwa YEMI ALADE wo muri Nigeria?


Umuririmvyikazi MISS ROCHER amaze amezi menshi akora neza mu muziki w’uburundi arashimisha benshi bawukunda kandi arashima intambwe agezeko kubera uravye ingene abantu benshi bitaho cane gose kumviriza indirimbo ziwe biramuhimbara cane kubona bamushigikira kwashoboye vyongeye afise aba fans benshi,ntubwo atamenyekana cane mu bantu benshi bakurikirana umuziki w’uburundi ariko muri bo baramwishimira cane ukuntu abanezereza mundirimbo ziwe nk’iyitwa:“JEWE NAWE” n’izindi nyinshi cane hamwe niyo aherutse gusohora yitwa:”NYEGERA”imaze iminsi bica bigacika mubayumviriza bayakiriye neza.

Kuno munsi w’Imana twashobnoye kumurondera umuririmvyikazi MISS ROCHER atwiganire ingene abanywanyi mu muziki w’uburundi bakunda cane kwakira neza indirimbo ziwe iyo azishoboye bavugako zibaryohera hamwe n’ahantu akunda ubuhinga bwazo mukuzitegura neza imbere y’uko azishira k’umugaragaro niho twamubajije ukuntu abigenza mugukora indirimbo ziryohera abantu benshi cane zirimwo ubuhinga budasanzwe nkuko bakunze indirimbo yise JEWE NAWE ikozwe n’umudiho wa Zouk nawe ntiyatinye kutwiganira vyinshi cane bijanye ntaho hantu abukura ubuhinga bwo kuririmba.

13096259_992117580876070_3180265439720195588_nYashoboye kutwiganira ahantu akura Ispiration “UBUHINGA”zo kuririmba bigatuma  indirimbo ziwe zisohokana uburyoheye budasanzwe abantu bazumvirije twonavuga ko niwe muririmvyikazi ubu mw’uno mwaka wa 2016 mu muziki w’uburundi akomeje kuboneka cane kurusha abandi bitumwe nizo ndirimbo ziwe yakoze niho kutwibira ahantu azikura izo inspiration mu gihe abatanguye ibikorwa vyiwe akora indirimbo nshasha yavuze ngo kenshi akunda gukorera ku ndirimbo z’igihangange c’umuziki wa Nigeria no muri AFRICA yose n’umwigeme YEMI ALADE arazumviriza agaheza akaraba nawe ukuntu abihinyanyura.

Miss Rocher twamubajije kandI igituma akunda gukorera k’ubuhinga mukuririmba abukuye kwa YEMI ALADE wo muri Nigeria ngo kumviriza ubwambere indirimbo z’uwo mu Artist Nigeria hama agaheza akazikorerako akuramwo INSPIRATION kandi yavuze igituma akunda uwo mu Artist ni kubera amushimisha cane gose mundirimbo akora arabona ko zimufasha cane kumvirizamwo utuntu tumwe tumwe tumufasha nawe ukuntu yo kora indirimbo irimwo ubuhinga budasanzwe bugatuma buryohera aba fans biwe bumvise nk’indirimbo yiwe nshasha abasohoye.

IMG_7436-Yemi-Alade_Mama-Africa_Album-Listening-Party_London-18FEB2016_Sync-600x511
YEMI ALADE

Uy’umuririmvyikazi Miss Rocher yarangije avuga ko YEMI ALADE amukunda cane gose arashoboye ntinayo mpamvu nawe ategerezwa kumwigira ko amukura ko izo ispiration zidasanzwe kugira avyifatemwo mu gukora indirimbo iryohera cane abanywanyi w’umuziki w’uburundi hamwe naba fans wiwe nkuko yamaze kubikora mundirimbo zitari nkeya zimwe zimwe bagiye barumviriza ikindi yatwiganiye y’uko vuba agiye gukora indirimbo yiwe nshasha izobaryohera akamenyesha ariko azoshobora kutumbwira hanyuma vyinshi biyerekeye.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s