NATACHA abaye umuririmvyikazi wambere akoreye kuri Studio WCB muri Tanzania asanzeyo Harmonizer


Umuririmvyikazi Natacha  abandanya aba icamamare mu muziki w’uburundi na East Africa mugukorana ishaka n’inguvu akora indirimbo zidasanzwe zigeze kurwego rukomeye vvuba azoguma atangaza abantu benshi aho k’umunsi wa gatano  muri iyi i indwi igenekerezo rya 17/06/2016 niho yinjiye muri Studio ikomeye cane yo mugihugu ca Tanzania izwi kw’izina Wasafi Record“WCB” iri mugisagara ca Dar-es Salaam isanzwe ari y’umuririmvyi rurangiranwa muri cogihugu n’Afrika  yose ni DIAMOND PLATNUMZ.

Ubu aba fans biwe mugiye kuzoryoherwa birenze mwitege vyinshi mu bikorwa vyiwe uno mwaka yagiye gukorereyo mu ntumbero yo kwishikana kurwego rukomeye mubihugu vy’Africa mukuzoba umu Artist rurangiranwa.

1466242202048
Natacha NA Lizer Classic

Nkuko Umuririmvyikazi Natacha yabibamenyesheje aba fans biwe n’abanywanyi mu muziki w’uburundi igihe akiva mugisagara ca  Bujumbura agomba kurira indege imujanye mugihugu ca Tanzania kuhakorera igikorwa gishasha kizobanezera amaze kukibashikiriza k’umugaragaro n’uko ubu agiye gusohora indirimbo yiwe nshasha ifise ikanovera karyoshe cane kumva kandi igezweho kurwego rukomeye na cane cane ko yaramaze igihe kirere adakora indirimbo yiwe bwite ibaryhera kumviriza no kuraba kiretse izo yaza yakorana n’abandi aba Artist batandukanye mu Burundi na Tanzania  nazo ni:

1.Tuungane yakoranye na Banana Zorro wo muri Tanzania

2.Amahoro arikumwe n’abaririmvyi 12 bo mu Burundi

3.Unaniongopea ari kumwe na Yamoto Band yo muri Tanzania

4.Utaipenda yakoranye na Gaga Bleu wo mu Burundi

Ubu rero yagarutse afise umuriro mwinshi hazoca uwambaye mu muziki w’uburundi akora uy’umwaka wa 2016 akaba yamaze gukora indirimbo yiwe nshasha  bwite atantumwe bapfadikanije aho n’inyuma  y’ikiringo kitari gito cane irabashikira mwiryoherwe cane gose.

1466242849890
Natacha ARI KUMWE NA Smile

Uy’umuririmvyikazi Natacha amenyesheje aba fans biwe y’uko indirimbo yiwe nshasha yiwe iryoshe cane gose yaraye ayikoreye kuri Studio Wasafi Record yo muri Tanzania  yamaze kuyitorera izina izoba ywitwa “SHIKILIA” bisobanura mukirundi “MFATA” kandi ngo  uwayihinyanyuye ni umuhinyanyuzi yahoze ahinyanyura indirimbo nyishi z’abarimvyi bo mu Burundi batari bake harimwo n’ibihangange mu muziki w’uburundi azwi kw’izina  Lizer Classic twabamenyesha  uwo muririmvyikazi abaye umuririmvyikazi wambere yuriye indege imukuye mu Burundi agiye gukorera indirimbo yiwe nshasha muri yo Studio  Wasafi Records ya Diamond Platmnuz nkuko vyamenyeshejwe n’uwo muhinyanyuzi ayikoreramwo.

Ikindi mwomenye ko umuririmvyikazi Natacha ashobora gutangaza abaririmvyi canke abaririmvyikazi naba fans biwe mu Burundi kuko amaze gushika  kuri Studio Wasafi Record gukorayo indirimbo yiwe nshasha y’arashoboye kugomwa numu Artist mushasha wo mugihugu ca Tanzania yitwa SMILE n’uwo mubona kw’ifoto ahagaze muremure bari kumwe niwe  yiyumviriye kumusaba ko yoshiramwo amajwi mu ndirimbo nshasha nawe yariko arakorera muri yo  yavuze ngo izoba yitwa Saa Ngapbisobanura mukirundi ISAHA ZINGAHE”uwo mu Artist Smile akaba yashimye cane Natacha ko ari umwe mu baririmvykazi bo mu Burundi bagiye kuzokorana ibikorwa  bikomeye muri Afrika yose.

1466242318458
Natacha ARI KUNWE NA Harmonizer

Umuririmvyikazi Natacha sivyo vyonyene yagomwe ari kuri Studio Wasafi Record yarashoboye kuhahurira numu Artist Harmonizer wo muri cogihugu ubu agezweho mu muziki wa Tanzania mundirimbo yiwe yise BADO baraye ibitari bike n’uwo mubonye kw’ifoto bari kumwe yicaye yambaye impuzu zera kandi yarashimye cane ukuntu uwo murimvyikazi akora ibikorwa vyiwe vy’umuziki w’uburundi mu bwitonzi kandi bikaba profesionnel aramukeza cane gose urwego agezeko rurashimishije.

Tubamenyeshe ko Umuririmvyikazi Natacha ngo  ahejeje gukora neza indirimbo yiwe nshasha yise SHIKILIA yakoreye kuri Studio Wasafi Records  azoca ayibandanyiriza kuyikorera Video nshasha  imbere y’uko agaruka mugihugu ciwe camavukiro arico uburundi avuye mugihugu Tanzania  akazoyisohora ari Audio na Video mu kuyishira k’umugaragaro mukunezereza aba fans biwe hamwe n’abanywanyi mu muziki w’uburundi na East Africa arabamenyesha ko izobaryohera cane rero mube murayirindirana igishika cinshi kubera izosohoka ifise Video igezweho kurwego rudasanzwe.

1466243949241

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s