Irabire aba MISS BURUNDI bose bahaciye ubu hibazwa ninde azokwirikira akitwa MISS BURUNDI 2016?


Ihiganwa rya MISS BURUNDI 2016 rirabandanya kwitegurirwa mugihugu c’uburundi rigiye kuzoba ukwezi kw’7 umwaka wa 2016 barerekana aba MISS BURUNDI bose bahaciye imyaka iheze bagiye barakwirikirana batsindira ikibanza ca mbere aho ryatanguye umwaka wa 2009 gushika umwaka wa 2012 muri yo myaka habonetsemwo abigeme b’Abarundikazi baciye ubwenge b’indero biyemera ko bafise ubwiza burenze n’ibindi vyasabwa kugira bahiganwe niho ryaheruka kuba mugihugu c’uburundi.

Iyindi myaka ntabwo ryigeze rihaba twovuga umwaka wa 2013,2014,2015 ariko uno mwaka wa 2016 ryasubiriye kugaruka mugutunganwa bidasanzwe kuko imyiteguro igeze kure cane vuba tugiye kuzobereka amwe muma Video y’ukuntu bariko bararyitegurira iryo higanwa niryamara gutangura muzoshobora gutora umwigeme mwiza aciye ubwenge yiyemera kw’afise ubwiza n’indero nziza y’abarundikazi aciye ubwenge yiyubaha n’ibindi vyinshi bimuhesha icubahiro bizosabwa kugira ahiganwe.

1463064272499Mu Burundi abantu benshi bahaba barindiranye igishika cinshi ihiganwa Miss Burundi 2016 – 2017 bibaza umwigeme mwiza aciye ubwenge yiyemera afise indero nziza yiha icubahuro n’ibindi vyinshi bizomuranga agaoshobora gukwirikira abo bandi ba Miss Burundi bahaciye imyka iheze mugutsinda akitwa MISS BURUNDI 2016 ntibarashobora kumubona uwariwe nkuko rizotangura vuba igenekerezo rya 23/07/2016 niho abigeme b’abarundikazi bazoshobora gutangura guhiganwa hagaheza hakamenyekana uwutsindiye ikibanza ca mbere akitwa MISS BURUNDI 2016.

Abajejwe gutunganya ihiganwa MISS BURUNDI baracariko baribaza utubazo bongera babaza Abarundi n’Abarundikazi uwushobora kuzoba Miss Burundi 2016 batanguye bavuga ngo twerekanye aba Miss Burundi bose bahaciye imyaka iheze nkuko mubabona kurayo mafoto hariko MISS BURUNDI 2009, MISS BURUNDI 2010,MISS BURUNDI 2011,MISS BURUNDI 2012 hama ubu naho turiko twibaza “who is next”ninde azokwirikira atsindire ikibanza ca mbere atorwe nka MISS BURUNDI 2016?

13443216_2136407363304483_1701266529490175880_oMbega Barundi namwe Barundikazi muri ko mwitegereza mukwibaza neza muravye abigeme ba kino gihe mu Burundi murabona hazobonekamwo yiyemera kw’afise indero nziza y’abarundikazi,ubwiza kandi yubaha akongera akuba mu bazoshobora guhiganirwa ikibanza ca MISS BURUNDI 2016 vuba bagiye kumenyekana abazoba biyandishije muguhiganwa kw’igenerezo rya 23/07/2016 ?

Hama ntimba mufise ico mushaka kubaza kuvyerekeye gutora canke kwiyandikisha mw’ihiganwa ryaba Miss Burundi 2016 canke abigeme muba mu Burundi mushaka kwiyandikisha mushobora kwakura kunomero zikwirikira arizoba +25775491491 canke +25775497497

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s