LOP’S MIRACULO azogenda kuri Studio WCB ya Diamond Platnumz gukora indirimbo nshasha


Umuririmvyi LOP’S MIRACULO n’umurundi yavukiye muri komine ya Bwiza mugisagara ca Bujumbura yaramaze amezi menshi ari mugihugu  ca Africa Sud kuharangurira ibikorwa bimwe bimwe vy’umuziki w’uburundi yitegura bikwiye nkuko aba fans biwe baguma bamusaba ko yo sohora indirimbo nshasha uno mwaka wa 2016 ubu arabamenyesha y’uko ari munzira ataha avuye muri cogihugu akanutse mu kugaruka mugihugu c’uburundi bwamwibarutse kano kanya turiko tubibamenyesha yamaze kurira indege imukurayo.

Abanywanyi mu muziki w’uburundi arabateguje ko mwotangura kwitegura bikwiye yagarutse mu Burundi abazaniye udukemanyi twinshi tuzobaryohera ni mwamara kutubona utwo dukemanyi ngo kamwe n’indirimbo nshasha yiwe yandikiye mugihugu ca Africa du Sud akamenyesha y’uko muzoryoherwa niyamara kuyisohora nkuko mwigeze kuryoherwa muvurije indirimbo yiwe yitwa Like Adama na Flavour mwibukako yayikoranye n’umuririmvyikazi CHANNY QUEEN bagakora na Video yayo.

13305256_791431404291817_5732300967927720185_oUkagaruka mu Burundi k’umuririmvyi LOP’S MIRACULO mwomenye ko yaje atavyorosha bikaba ari ibintu bidakunzwe gukorwa cane n’abaririmvyi b’Abarundi bakora mu muziki yamenyesheje ko indirimbo yiwe nshasha itazokorerwa mugihugu ahubwo azondera afate urundi rugendo ruzomushikana mugihugu ca Tanzania azoba agiyeyo kuhakorera iyo ndirimbo nshasha akavuko azoyikorera muri zimwe muma Studio zikomeye cane gose zaho muri cogihugu.

Yamenyesheje Studio azokoreramwo indirimbo yiwe nshasha izoba yitwa WCB RECORD  irongowe n’igihangange c’umuziki wa Tanzania na East Africa ni DIAMOND PLATNUMZ izobaryohera cane gose kandi icatumye ashima kugendayo kuhakorera ni kubera yashimye  ihinyanyurwe n’umuhinyanyuzi yemera cane ayihinyanyure neza ishobora kuzobica bigacika mu banywanyi bakunda umuziki w’uburundi uwo muhinyanyuzi yitwa LIZER CLASSIC hama ngo uwushaka kuzoyumva ubwambere yoba aritegura hakiri kare.

13256169_557936904414542_104148077278585880_nIndirimbo nshasha y’umuririmvyi Lop’s Miraculo ati izoba idasanzwe arayizeraneza izobaryohera abantu benshi bazoyitega amatwi mu kuyumviza amajambo abaryohera ntibazotangwe vuba azoca abamenyesha ikiringo izoshokera ko  iyahejejwe guhinyanyurirwa kuri WCB RECORD arabizeza cane izomenyekanisha umuziki w’uburundi yongere imumenyekanishe mukarere ka East  Africa nk’umuririmvyi yakoreye indirimbo yiwe muri yo Studio izwi cane gose kwari ya DIAMOND PLATNUMZ.

Nkuko uno muririmvyi abimenyesheje avuga ko akiriko aranyarutsa kuyandika indirimbo  yiwe nshasha abasaba kwihangana aba fans biwe aracayitegura neza  muzoryoherwa ni mwayumva tangura murindirane igishika ayiheze neza ikazoca agenda kuri Studio WCB RECORD k’umuhinyanyuzi LIZER CLASSIC yamye yemera kuva kera agikorera mugihugu c’uburundi aho yarahafise nawe Studio yitwa Buja Record.

13332800_562773183930914_927139310461995879_nLizer Classic ngo ni yamye ahinyanyura indirimbo zose z’uwo muririmvyi nkuko Lop’s Miraculo avyivugira kandi yashimye kumusanga mugihugu ca Tanzania amuhinyanyurire iyo ndirimbo nshasha ikorewe kuri studio WCB RECORD muri Tanzania yemeza y’uko izoba iryoshe cane gose ni vuba irasohokora k’umugaragaro kuko ntizoteba gukorwa ihinyanyuwe neza cane n’umudiho uzobaryohera kumviriza.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s