AFISA RAJ.B ambwira BIG FIZZO amusabe imbabazi Album yiwe”FIZZOLOGY”azoce aririmba indirimbo zirimwo


Ibintu birakomeye cane gose uko amasaha yitera imbere niko icuka kiguma cibonekeza ahagati y’abaririmvyi babari ni AFISA RAJ.B na BIG FIZZO bose abakora umuziki w’uburundi baramaze no gukorana indirimbo yakunzwe mu myaka iheze nko mu mwaka wa 2013 yitwa GO HARD bayikoze bari batatu hamwe n’umuririmvyi WAWA VG ikorwa muri Studio KIM FANS RECORDS nkuko hariho amashusho aberekana bari muri yo studio bayiririmba.

Icuka kiriko kiboneka mu baririmvyi nka Afisa Raj.B na Big Fizzo ni amajambo umwe wese yanditse kurubuga akoresha kuri FACEBOOK n’ubu bikiriko kuri Facebook WANAJESHI KAMILI n’umurwi w’abaririmvyi urongowe na BIG FIZZO.

Wanajeshi Kamili wa Big Fizzo badomye urutoke k’umuririmvyi AFISA RAJ.B banditse bati uy’umusore ni nde?arondera kwimenyekanisha aciye kw’izina MMP ,arondera kumenyekana kuvy’umuziki basha reka tumumenyekanishe yitwa AFISA RAJ.B arakenye arashonje yabuze akazi twembwe nka WAJESHI turiteguye guhagarikira akazi kiwe kuko arondera beef twebwe twironderera ama million y’amahera ntitungana mwana ntucokoze inzuki.
13450840_1749929275252279_7729413724285827694_n
Ayo makuru yandikiwe kuri Facebook Wanajeshi Kamili twagerageje kumubarondera Big Fizzo tubabaze ico boba bariko barapfa hagati yiwe na AFISA RAJ.B ntitwashoboye kumubronka munyuma yaho twaciye dusimbira kuri Facebook ikoresha umuririmvyi Afisa Raj.b tubonamwo amajambo yanditse avuga ko bamwikanye batamuziki ngo uwamwihakanye ni Big Fizzo.
Umuririmvyi AFISA RAJ.B yavuze y’uko bamwihakanye ntiyatinye guca aserura ikiri kumutima wiwe mukwishura ivyo yavuzwe ko na Wanajeshi Kamilili ko batamuzi ashaka akamenyekana mu muziki aciye kw’izina MMP niho nawe yahisemwo kwishura BIG FIZZO ngo ibi birakaze cane uno munsi ati FIZZO ntazi mu gihe namuririmbiye mundirimbo GOD HARD nkamukorera imistari y’indirimbo WHAT’S MY NAME imusubiza mukibanza ciza kuko mwico gihe ngo yarahatswe kuzimangana mu muziki w’uburudi aronka amahirwe yo gusubira kumvikana kubera iyo ndirimbo yahitinze cane.
13407226_1749929255252281_4769923284985532946_n
Ntiyagarukirije ngaho kubandanya yishura inyuma y’iminota mikeya yariheze ahejeje kumwihana imbere y’aba fans biwe,nawe yamubwiye yaramukoreye indirimbo 5 zose arazimuha k’ubuntu ati uno munsi avuze ko ntamuzi  ntazokwigere antamumenya ntagatoya kandi ntanzara agira ngo Big Fizzo ntayiwe amuntaniye ntaragira aho yishikanye ntacafise> niko umuririmvyi Afisa Raj.B  yambwiye Umuririmvyi Big Fizzo kandi na Album yiwe nshasha yise FIZZOLOGY ntiyikubite agashi amusabe imbabazi kugira abandanye ngo amufasha gukora iyo Album.
Twashoboye kumurondera umuririmvyi AFISA RAJ.B aduhe ikiganiro no gutanga umuco mu kuvuga ko ariwe yamukoreye indirimbo 5 amufasha zizoje muri Album FIZZOLOGY twamurose yatwiganiye vyinshi cane gose vyerekeye iyo Album,tubibutse ko Big Fizzo twamurondeye turamubura kugira tubamaze ivyerekeye iyo Album yiwe ivurwako uwayikoze ari Afisa Raj.B nkuko ngo irimwo indirimbo 5 yakoreye k’ubuntu.
13419084_1749909025254304_1890769876299521740_n
Yavuze y’uko Big Fizzo yamwihakanye yibagira ko bakoranye indirimbo n’ubu yariko amukorera gukora Album yiwe “FIZZOLOGY”yongeye atumbwira ko Facebook  Wajeshi Kamili ikoreshwa na BIG FIZZO niwe yavyanditse ngo amwihakana kandi ijambo “FIZZOLOGY”uwari mutoreye ni AFISA RAJ.B nyene abashaka baramwegera bimubaze ikindi muri Album Fizzology yaramaze kumuha indirimbo 5 k’ubuntu twagerageje kumubaza amazina yizo ndirimbo yanse  kuzivuga yatwishuye ati nta kamaro,Fizzo muraganira mubaze atabikubwiye ntaco kizima umutima wiwe Uzi ukuri,izo ndirimbo ntashobora kuziririmba kandi.
Advertisements

One thought on “AFISA RAJ.B ambwira BIG FIZZO amusabe imbabazi Album yiwe”FIZZOLOGY”azoce aririmba indirimbo zirimwo

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s