MKOMBOZI aririmba arira muri Studio akora”KUKI?”kuko imistari yaririmvye ayibonyemwo Video y’abantu umudyango wose bishwe mu Burundi


Ibitangaza bitaraboneka mu Burundi kandi Abarundi mutari bwavyumve bishikira Umuririmvyi w’umurundi agiye gukora indirimbo nshasha muri Studio akarira akorora amasozi kubera imistari  aririmba ayibonamwo Video imwereka ibintu biteye ubwoba bibera  mugihugu c’uburundi mwamwibarutse aho vyashikiye Umuririmvyi MKOMBOZI igihe yaja gukora indirimbo yiwe nshasha yise“KUKI”yavuze ko azoyikorana n’ABAMALAYIKA bomw’ijuru uhava wibaza mbega vyagenze gute muri Studio yararimwo ayikoreramwo iyo ndirimbo ivyamushikiye yoba ari ibiki yabonyemwo Video?

Umuririmvyi MKOMBOZI nkuko yabimenyesheje abanywanyi mu muziki w’uburundi naba fans biwe kuruyu w’Imana kw’igenekerezo rya 12/06/2016 kwariho yinjira muri Studio kuhakorera indirimbo nshasha“KUKI”ayipfadikanije n’ABAMALAYIKA yaragiyeyo amaze gushikayo nkuko yampa abikora mugutwarana imistari ikomeye cane zakuririmba niho gushikayo neza na neza atanguye kuririmba imistari  iyo ndirimbo yiwe nshasha haragera aho bimwankira kubandanya ayiheraheze kubera ivyamushikiye vyamubabaje cane arakorora amosori bitumye ayiheba iyo mistari yari yateguye kuririmba.

13417664_476585712552751_7970393888290932331_nMKOMBOZI yavuze ko  icari ncamujanye muri Studio ntaco yakoze ntakimwe ncerekeye indirimbo yiwe nshasha KUKI? yitezwe kumviriza Abarundi benshi bumvemwo ABAMALAYIKA bowmw’ijuru,ugushikayo kwiwe muri yo Studio yashuhije amaraso kugira ashiremwo imistari myinshi y’inkoramutima nihogutangura kumva amasozi yamutemba mumaso atangura kurirra kubera harimwo imistari yamugoye cane kuririmba ibabaje gose bitamukundiye ko ayirangiza kuyirimba  yayibonyemwo Video idasanzwe imwereka ishusho y’Abarundi bishwe uno mwaka n’umwaka uheze biciwe mugisagara ca Bujumbura.

Uy’umuririmvyi MKOMBOZI n’umuraperi akomeye cane kandi Abarundi benshi bamwita ngo ari umwami w’imistari ikaze y’indirimbo ziwe ibaryohera kumviriza ibakora kumutima abandi ibahindura kumutima rero hariho imistari yaririmvye mundirimbo yiwenshasha KUKI? yatanguye kuyibonamwo Video imwereka abantu bamwe bamwe bishwe mu Burundi ngo imistari yaririmvye yabonyemwo Abantu ari umudyango wose,Akana Ubwana buto bishwe hanyuma aca y’ibuka umurundi yaturiwe yambitswe ipine muri commune NYAKABIGA umwaka wa 2015 vyamubabaje cane gushika acahagarika kubandanya gukora iyo ndirimbo nshasha yiwe ubu ahevyye imistari imwe imwe yari yateguye kuzoshiramwo.

13413681_2133771766901376_6947605068249639481_n

Mukiganiro yaduhaye MKOMBOZI igihe twamubaza ingene vyamugenze kugira arire ari muri Studio akora indirimbo nshasha KUKI? yishura ati:”uyumunsi nagiye muri studio,ntaco nakoze n’ukuri kuko nagerageje gushiramwo imistari,nkiriko ndishusha nca numva amosozi akorotse hari imistari yangoye kabisa naciye mbwira Producer ko ntameze neza,ntegure umutima kwanza,hanyuma ,mu ndwi iza nje studio hariho imistari ndiko ndaririmba umengo ndiko ndabona video yavyo surtout abantu bishwe ari umuryango wose rimwe,hanyuma nkaca nibuka uwaturiwe munyakabiga birababaje cane nagerageje nk’icuro 3 nigumya vyanka,nca ndavyihoza gato,nshaka nkuremwo iyo mistari,nshireko iyindi.

Abanywanyi mu muziki w’uburundi muvyumvise y’uko bitamworoheye MKOMBOZI aririmba imistari yaririmvyemwo mundirimbo yiwe nshasha  ayikoranye n’Abamalayika bomw’ijuru ubu ngo yamaze kuyiheba agomba gutegura iyindi  twobamenyesha abanywanyi mu muziki w’uburundi ntimutangwe kumuraba muma VIDEO yaduhaye ari muri Studio kuyikora biragaragara neza yarize ikindi muraza kuvyiboneramwo mwumvirize uduce tw’indirimbo KUKI? yiwe yashizemo iyo mistari yabonyemwo Video y’abantu ari umudyango wose,Akana ubwana buto bwishwe yamwibukije vyinshi cane kandi mwumvirize neza n’indirimbo ikaze izohindura imitima Abarundi benshi.

APART 1- Kuki ? By Mkombozi ARIRIMBA ARIRA MURI STUDIO KUBERA IMISTARI Ft Abamalayika 

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s