MBOMBOZI arinjira Studio gukirigita Micro kandi”COMPANY HASTA”yiwe yongerejemwo amarori ya HASTA


Iryavuzwe riratatashe k’umuririmvyi MKOMBOZI  mu bantu bakunda kuwumviriza mundirimbo akora bakaryoherwa zibakora kumutima bumvamwo amajambo y’ubutumwa aririmba abahumuriza nkuko bakirindiranye igishika cinshi cane gose indirimbo yiwe nshasha yambere azoba akoze mu mwaka wa 2016 kuko aba fans biwe bigeze kubimusaba ayikore kubera bamaze amezi atano abatumva asohora indirimbo nimwe ibaryohera kumviriza nkuko indirimbo nka NZIYIMANA, PAPA NZEYIMANA zabakoze kumutima benshi umwaka uheze wa 2015.

Ushaka kuba mubambere bagomba kumva indirimbo yiwe nshasha y’afashanije n’Abamalayika umenyeshwa nawe kuguma hafi ukuruguture amatwi kuko irimwo imistari myinhsi y’inkoramutima niwayumva hazogera ko urira kandi MKOMBOZI amenyesheje abanywanyi mu muziki w’uburundi ngo kuruyu w’Imana  aha yinjira Studio gukora iyo ndirimbo nshasha yiwe mumaze iminsi mwararindiranye igishika cinshi ayishire k’umugaragaro aho bukera azoyitunganya neza ayishiremwo ibikenewe vyose bizotuma bigukora kumutima.

10885502_866667473372824_2435977344217255434_nMkombozi yavuye ko indirimbo yiwe nshasha yiswe “KUKI?”azoyikorana n’Abamalayika izomuha  vyinshi kuko ayemera cane ayiteze vyinshi mu barundi benshi aho bamwe bavuga ko ntakindi barindiriye bashaka kubumvamwo vy’ukuri ABAMALAYIKA baririmbinye nibo bakirindiranye igishika cinshi mu kubumva baririmba mundirimbo”Kuki?” yiwe.

Nkuko vyamenyeshejwe na Mkombozi uy’umunsi w’Imana niho yinjira Studio gukirigita Micro mu gukorerayo iyo ndirimbo “KUKI? izumvikanamwo Abamalayika,aciye amenyesha abantu bose bakunda indirimbo ziwe ngo Kampuni yiwe HASTA “COMPANY” ikora  impuzu zigizwe n’impira yo kwambara,Inkofero,vyanditswe ko Hasta mu gihe yayitanguje akira mu Burundi benshi bakunda ukuntu babona inyandiko za Hasta k’umpuzu zabo hamwe n’inkofero ariko amaze kuva mugihugu ntibasubiriye kubibona abikora canke abidandaze.

10303384_855076517865253_384865518280063830_nIco gihe Kampuni HASTA yazimanganye mugisagara ca Bujumbura amaze guhunga igihugu kumpamvu zo guhungisha ubuzima bwiwe kuko umutekano wiwe warimukeya hama iyo Kampuni yiwe yakorera i Bujumbura ntiyasubira gukora indoto ziwe aba araziryamitse imbere yaho yakora imipira nama T-shirt vyanditswe ko”HASTA”yashimisha Abarundi barabihurumbira kubigura bakunda ingene bikoze bamubona avyambaye araberewe.

Igihangange mu muziki w’uburundi uno muririmvyi MKOMBOZI ayavuze ati indoto ziwe zari zararyamye igihe kirekire zitakiboneka mu barundi bashobore kugura impuzu,ikofero vyanditswe ko”HASTA”ngo ubu rero uy’umwaka wa 2016 yasubiriye kuzivyura indoto ziwe inyuma y’ugukora,Impuzu ,Inkofero ya Hasta agarutse azanye bishasha bizoshima muri Kampuni HASTA yiwe ntibatangura kubigura kuko yongerejemwo Amarori yanditswe ko HASTA.

Uyambaye ukaberwa cane ujanishije n’umupira,inkofero vyose handitse ko Hasta ariko ngo akazotangura kubigurisha umwaka uhaza wa 2017 haracariho ivyiyumviro akiriko aratorera umutima bizotuma akomeza atera imbere mundoto ziwe yatanguje yugurura Kampuni “CAMPANY” Hasta.

12871479_2133287343616485_783348752832296306_n

10805770_854004107972494_5083823735049171162_n

Advertisements

One thought on “MBOMBOZI arinjira Studio gukirigita Micro kandi”COMPANY HASTA”yiwe yongerejemwo amarori ya HASTA

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s