KIDUM yabajijwe ikibazo kuri”BBC SWAHILI”n’umuntu wumukenya ngo kuki akunda kuba muri KENYA kand’iwabo ari mu Burundi?


Hari kuruy’uwa gatano igenekerezo rya 10/06/2016 kw’idariyo“BBC SWAHILI”bashoboye gutumira igihangange mu muziki w’uburundi ndetse na East Africa ni Umurirmvyi KIDUM mukiganiro yatumiwemwo yabajijwe ibibazo n’abantu benshi baba mubihugu bitandukanye hama nawe yaza arabishura ibibazo bamubaza,haca habaza ikibazo umuntu vyavuzwe y’uko avuka mugihugu ca KENYA amubaza kuki akunda kuba muri Kenya kand’iwabo ari mu Burundi adakunda kubaha?

Canke ahakorere umuziki w’uburundi nkuko abikora kenshi aba mugisagara ca Nairobi c’aho muri Kenya kuko uwokenya yariko akurikirana BBC SWAHILI afata umwanya amubaza umuririmvyi Kidum Kibido ico kibazo igituma akunda kenshi kumwumva aba mugihugu ca Kenya imyaka myinshi agashima kuguma ahaba muga adashobora kuba mu Burundi bwamwibarutse.

11219386_924492524284699_659768790941427913_nYabajijwe Kidumu impamvu akunda kuba muri KENYA mu gihe abakenya benshi n’abantu benshi bakurikirana ibikorwa vyiwe akora vy’umuziki bamuziki neza yavukiye mugihugu c’uburundi nawe avyemera kw’ariho yataye uruzogi nkuko umuntu wo muri Kenya yashimye kumubaza ikibazo kuki akunda kuba mugihugu ca Kenya?ntabe mu Burundi yashatse kuronka inyishu nziza y’ikibituma adakunda kubayo

Umuririmvyi Kidum Kibido yaciye amwishura avuga ko asanzwe amaze imyaka 21 ariho yibera mugisagara muri Kenya ahita imuhira iwabo kubera yahavyariye abana biwe bose bafise ubwenegihugu bw’igihugu ca Kenya ni abakenya ntashobora kubakura aho bavukiye hama abambwire ngo baje kuba mugihugu batavukiyemwo uburundi ntivyinjirana ngo ntashoboka kuhava ahimuke rwagiye kuba mu Burundi kuko wewe n’umuvyeyi w’Africa.

13416990_1211654035519926_8045525190282121619_o
NGAHO KURIYO FOTO YA Kidum YARARI MUKIGANIRO YATUMIWEMWO KURI BBC SWAHILI ABAZWA IBIBAZO N’ABANTU BENSHI

KIDUM yakomeje yishura avuga ko umuntu ashobora kuba iwabo nkuko nawe iwabo ari mu Burundi kuko ntakibazo vyomutera gusubira kuba iwabo mu Burundi akahaba ariko ngo abana biwe bavukiye muri kenya yoca abajana hehe kandi umuvyeyi wabo ari umukenya?ntikibazo gikomeye kubwiwe ntibikunda kwashobora  kuba mu Burundi mu gihe afise abana biwe bose bavukiye muri Kenya bahamenyereye cane nicogihugu bavukiyemwo.

Tubibutseko igihangange c’umuziki w’uburundi na East Africa Umuririmvyi Kidum asanzwe aba mugisaga ca Nairobi ahafiseyo umugore n’abana 13 bose bavukiye mugihugu ca Kenya kubwiwe ntarota ngo aba muguhugu c’uburundi bwamwibarutse mu kujanayo kubana n’umuryango wiwe wavukiye muri Kenya ukubamaranye imyaka 21 ariyo bibera.

Advertisements

One thought on “KIDUM yabajijwe ikibazo kuri”BBC SWAHILI”n’umuntu wumukenya ngo kuki akunda kuba muri KENYA kand’iwabo ari mu Burundi?

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s