MIRROR TEAM bavuze ntibasambutse bazotangaza benshi kuzindi nguvu ntaho LANDRY GATEKA yabavuyemwo


Bimaze iminsi bivurwa  k’umurwi w’abaririmvyi MIRROR TEAM woba warasambutse kudasubira kumvikana mu muziki w’uburundi kuko baje guhindukana munyuma aho war’umurwi mwiza kandi  waruzananye inguvu mugutangaza abantu benshi bakunze indirimbo nshasha   yiswe “UKIMPE “haheze ukwezi yarasohowe n’uwo murwi.

Bayikoze bari abaririmvyi 5 havamwo uwitwa LANDRY GATEKA kwatanze  imihoho avuyemwo mumurwi  nkuko abawurongoye baciye bamufatira ibihano bijanye nivyo yagiye arabandika ko kurubuga rwiwe burimwo amajambo atabashimisije ngo inyifato yerekanye yari mibi kuburyo batamwihanganiye.

13263877_507486716129099_7943146550178479243_nUy’umurwi w’abaririmvyi MIRROR TEAM ubu abawurimwo baramenyesha ko barakomeza bakora ibikorwa ntibigeze bahagarika ntaho LANDRY GATEKA ngo yasize abavuze nabi ikindi agacerere barimwo hafi indwi zibiri badakakaza mu muziki w’uburundi niko abantu bawukunda  indirimbo Ukimpe mukuvuga warasambutse kubera hatakmwo Landry Gateka ngo invugu zaciye zirabaherana aho basigaye ari abaririmvyi 4 bitirirwa MIRROR TEAM.

MIRROR TEAM abawugize ubu n’imisore 4 kurubu bashoboye gukangura abanywanyi mu muziki w’uburundi mwaryohewe cane mu kumviriza indirimbo UKIMPE muramenyeshwa y’uko ntibigeze basambuka canke bacike inguvu kubera Landry Gateka yabavuyemwo nkuko vyakomejwe kuvuga abantu benshi nuno munsi mugisagara ca Bujumbura ntayandi amakuru y’uwo murwi uhasanga yavurwa ngo basambutse ntibagisubira kubumva mundirimbo  nkuko babumvise mundirimbo Ukimpe.

Uy’umwanya Mirror Team baramenyesheje ntaho Landry Gateka batakiri kumwe bagumye bakora ntibigeze bahagarika ibikorwa vy’umuziki w’uburundi kandi ntibasambutse ntibigeze bacika inguvu.

Abo baririmvyi basigayemwo muri  MIRROR TEAM barakomeje gukora umwuga w’umuziki w’uburundi bafisemwo ingabirano ntibashobora kuzimangana no muba fans  kandi barabemereye y’uko bazanye iyindi indirimbo nshasha igira kabiri ije ukurikira indirimbo UKIMPE bakazoyikora neza cane mu karyoherwa kuyumviriza barangiza bamenyesha abantu muzoyumva vuba irabashikiriye kuzindi nguvu nyinshi bazananye muntumbero yo kuberaka ko umurwi wabo Mirror Team ataho wigeze ugenda canke usambuke nkuko abibaza ko hatarimwo Landry Gateka mwumvisemwo ubwambere mugukora iyo ndirimbo.

13406838_2132112743733945_7495493858699019640_n
ABASIGAYE BAGIZE UMURWI W’ABARIRIMVYI MIRROR TEAMA HARIHO Aimé Loveness,Patrick Dizzy,Sim Bizz

Abaririmvyi b’umurwi Mirror Team ni 4  harimwo uwitwa Aimé Loveness,Patrick Dizzy,Sim Bizz nibo bamenyesheje abantu bagumye mwimvira ko batazosubira kumvikana mu muziki w’uburundi kubera umuririmvyi Landry Gateka yawuvuyemwo atanze imihoho bagaca bamufatira ibihano biteye ubwoba agahitamwo kuvamwo murundu.

Nkuko twagize kubashikiriza amwe mumakuru yiwe ico gihe yatanga imihoho ico gihe akongera akavugako indirimbo Ukimpe yohagarikwa kuvurwa mumaradiyo n’ahandi kuko ari we yayanditse ibintu vyose birimwo ariko abawusigayemwo bakavuga nabo ko idashobora guhagarikwa kubera atabubasha afise bwokuyihagarika kandi yitirirwa ko ari y’umurwi wabo.

Abawusigayemwo ari 4 bavuze  ko bafise abo bari kumwe babafasha nk’inzu y’ubuhinyanyuzi y’ama Video mu Burundi yitwa GRAND PICTURES izoza ibakorera ama Video meza azoshimisha abantu bazoyaraba kuko bafise intumbero y’ugukora Video nshasha kugira babandanye bamenyekana cane mu bantu benshi bakunda ibikorwa bakora mu muziki w’uburundi si kera bazoyikora mutangure kubabona igaheza ikabanezereza kuraba.

13002589_1698738673734061_1173576382993450446_oAbavuga ko indirimbo yabo nshasha ya kabiri bagomba kuzoyisohora vuba kandi bazoyikorera k’umuhinyanyuzi MASTERLAND yigeze gukora indirimbo Ukimpe nkuko ariyo yambere batanguye irumvirizwa n’abantu benshi ikorewe munzu y’ubuhinyuzi yitwa MASTER MUZIK bemeye ko indirimbo nshasha bazosohora muminsi yavuba izobashimisha cane abanywanyi mu muziki w’uburundi muzoyumviriza.

12661932_1559317171058292_6470620940336187475_n
UMUHINYANYUZI MasterLand AKONGERA AKABA UMURIRIMVYI
Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s