SOSO-JANDO azanye indirimbo nshasha akorera umuziki mugihugu ca Reta Nzunze Ubumwe z’America


Umuririmvyi SOSO-JANDO n’umurundi asanzwe aba mugihugu ca Reta Nzunze Ubumwe z’America niyo yiga amshure ariko aheruka kurangiza amashure y’intango mukuzoja mu mashure yakamintuza muri cogihugu kandi asanzwe akora umuziki w’uburundi arawukunda cane gose niho akivuka mur’uwo muziki ariko awufisemwo ingabire zidasanzwe yahawe n’Imana z’ukuririmba ninaho yashoboye kumenyesha Abarundi bose muba mubihugu bitandukanye atibagiye n’igihugu c’uburundi avukamwo ngo vuba abazaniye indirimbo nshasha izobeneza ikabakora kumutima kuko irimwo impanuro nyinshi cane gose agashima ko atobatevye kuyumva.

SOSOS-JANDO mu kubazanira indirimbo nshasha avuga ko vuba azoyishora yumvirizwe n’Abarundi benshi yavuze ko yayikoranye ubuhinga budasanzwe abanje kwiyumviriza neza no kuraba amajambo ayishiramwo mu kuzoyaririmba ashobore kuzofasha benshi bazoyumva ngo iyo ndirimbo izoba yitwa UBUZIMA irimwo amajambo meza menshi cane gose akora kumutima uwuzoyumva azomushimisha akumva aryohewe n’ubutumwa bwayo mukazomwumva ukuntu aririmba arapura kuko akora HIP POP ntaruhuka mukuririmba arashoboye umwuga wiwe mushasha yatanguye w’umuziki w’uburundi.

13335863_1050498928376021_3270702449037897573_nIndirimbo nshasha UBUZIMA y’umuririmvyi SOSOS JANDO ariho akivutse mu muziki w’uburundi anayitanguriyeko abantu bazoca batangura kumumenya neza nico ashobora kuzofasha nibamara kumviriza neza amajambo meza azobakora kumutima abahanura n’uko BEAT yayo yakorewe munzu y’ubuhinyanyuzi yitwa UMUCO RECORDS ikoreramwo umuhinyanyuzi MRJOJO akorera i Bubanza aramushimira kugikorwa ciza yamufashije kumurera Beat izobaryohera abantu benshi bazoba bariko barumviriza iyo ndirimbo nshasha yiwe.

1382211_1403113986589837_1195780937_nUmuririmvyi SOSO-JANDO yakomeje abatera akambo abanywanyi mu muziki w’uburundo y’uko mutatangwa kuba mubambere bazokumviriza indirimbo UBUZIMA irimwo amajambo meza azobakora kumutima kandi abahanura vyinshi muzoyumva bizobashimisha kandi abashaka kuyumviriza mwoba muratangura kuyitegurira kare muri benshi muzokomeze mu mushigikire mu bikorwa yatanguye vy’umuziki w’uburundi kuko afise ishaka ryo kuwukora.

13307343_1055455854529478_7911494379075983747_nNkuko azowumenekanisha umuziki w’uburundi yatanguye awukorera mugihugu ca Leta Nzunze Ubumwe z’America ntaho ngo vyigeze kumugora kuronka uwumukorera Beat none arashima cane uwayimukoreye ari mu Burundi nkuko mwavyumvise mukubaategurira iyo ndirimbo nshashayise izoba ariyambere atanguriyeko gukora yuguruye ukumenyekana kwiwe nk’umuririmvyi w’umurundi akorera hanze y’igihugu atigira abarundi basanzwe baba mugihugu c’amavukiro yiwe uburundi agashima kubahanura abicishije mundirimbo irimwo amajambo meza y’inkoramutima bazokumviriza muri yo ndirimbo yise UBUZIMA.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s