MKOMBOZI yakoranye indirimbo nshasha n’ABAMALAYIKA bomw’ijuru arayizera izomuha vyinshi ihindure imitima y’Abarundi


Ushobora kuvyemera watevye cane gose kuko birasiga ubwenge ntiwashobora kuvyumva kandi bigatuma wibaza vyinshi ubu Abarundi bose bagiye kumviriza indirimbo nshasha y’igihangange mu muziki w’uburundi ni Umuririmvyi MKOMBOZI akongera akaba umuraperi adasanzwe haraciye amezi atanu yose kuva umwaka wa 2016 utanguye ntiyari bwashobore gusohora indirimbo nimwe nshasha ariko iy’icuro ngo yaje ayifise mwakuno kwezi ntikuzohera idayisohotse yayikoranye n’abantu bakomeye cane bibere mw’ijuru kwa Data wa twese womw’ijuru ari we Imana izoshobora kumugirira akamaro gakomeye ihindure mitima y’Abarundi bazoyumviriza.

MKOMBOZI abamenyesha abanywanyi mu muziki w’uburundi naba fans biwe mwagumye mwanyotewe gusubira kumwumva mundirimbo nshasha yakoze umwaka wa 2016 uy’umunsi mubimenye arayibemereye vuba muzoyumva yirindirane igishika cinshi nkuko ushobora kuvyemera canke ukabihakana ukaza kuvyemera aruko ayisohoye ukavyumva kuko yatanguye kuyikora kandi ayikoranye n’ABAMALAYIKA bomw’ijuru bamwe muzi mwama mwumva nibo bashoboye kumufasha kuyikora izobahumurize Abarundi benshi bazoyumva.

1656080_700479836658256_22394268_nAbashaka kumenya ngo izina ry’indirimbo nshasha yiwe canke mukumenya igihe bazomwumva aririmbana n’Abamalayika bomw’ijuru ubu igiye kuzobica ibintu bigacika mu muziki w’uburundi wumvirizwa n’Abarundi benshi bari mubihugu bitandukanye yavuze ko izoba yitwa KUKI? irimwo ubutumwa bw’ajamambo adasanzwe aremeze neza y’uko mwo yirindirana igishika cinshi mwumvirize ukuntu yaririmbanye n’Abamalayika bamufashije guhumuriza imitima y’Abarundi mu gihe azoyisohora bakayumva kuko hagiye gukoreka ibitangaza bikomeye cane kubera iyo ndirimbo yiwe.

 KUKI? By Mkombozi Feat Abamalayika,ngo ni Abamalayika bamwe musanzwe muzi mu kuruguture amatwi muzobumva muri iyo ndirimbo yiwe nshasha ntakwezi isigaye ayisohore muyumvirizee ibaryohere ibahindura imitima ikindi yamenyesheje Abarundi  hazobamwo bamwe muri mwebwe bazoshobora kurira bagakorora amosozi ni mwamara kuyumviza aririmbanye Mkombozi n’Abamalayika bomw’ijuru bakoresheje amajambo y’inkoramutima  na canecane yayikoze yizeye neza ko izohindura imitima y’Abarundi benshi bazoyitega amatwi bayumviriza aho bazoba bari hose rero ntizobacike kuyumviriza.

10176235_879586578747580_1120753748231733919_nIco twabamenyesha abanywanyi mu muziki w’uburundi mwoba mwatanguye kwitegura kuzokumviriza indirimbo nshasha KUKI? y’umuririmvyi MKOMBOZI yakoranye n’Abamalayika izonahindura imitima y’Abarundi nkuko avyemeza aho twakoranye ikiganiro atubwira y’uko n’indirimbo nziza cane itomoye arayemera cane ayizera izomuha vyinshi yongere ihindure imitima y’Abarundi benshi nkuko bazoyumva kandi ayibemerera ntakwezi asigaje kuzoyishora ni kuvuga ko ni muruku kwezi kwa gatandatu izoshoka.

Ikindi twabajije MKOMBOZI nyene indirimbo nshasha yise KUKI? yakoranye n’Abamalayika bomw’ijuru yamenyesheje ko hasigaye ibintu bikeya ayirangize kuyikora yose ashizemwo ibintu nkenerwa kugira bishobore kuzohindura imitima y’Abarundi benshi yarangije avuga ngo iyo ndirimbo yiwe nshasha zogenda muri Studio iryanyuma kuyiheraheza k’umunsi wa gatandatu wiyi ndwi kandi inyuma yaho akazoca abamenyesha Abarundi umunsi azoyisohora ikaja k’umugaragaro batangure kuyumviriza nimba uri umurundi ntizocikwe kuyumviriza kano kanya agusaba kuyitegura

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s