SAT-B mubuhungiro mu Rwanda ngo”RETA”yaho ishobora guhagarika Video”AFRICA GAL”kubera abakobwa barimwo bambaye ubusa


Amakuru adushikiye ubunyene agezweho mu muziki w’uburundi avuye mugihugu c’urwanda ahari Umuririmvyi SAT-B bavurwa ko ari mubuhungiro mu Rwanda kandi ubu ashobora gushikirwa nivyago bikomeye cane nkuko ibinyamakuru bihakorera nka vyose bivuga ngo RETA y’urwanda irashobora kuzohagarika Video nshasha y’indirimbo yise AFRICA GAL aherutse gusohora iyi ndwi impavu z’uko Reta yaho ntirekurira abaririmvyi bahakorera umuziki birahire bakore ama Video bagashiramwo abakobwa bambaye impuzu batikwije zikaberekana ibihimba bimwe bimwe vy’umubiri bitarekuriwe kuja hanze bikabonwa n’amaso y’abantu bayiraba baca bavyita ko bambaye ubusa ni Video y’ibiterasoni mu bantu.

Ntishobora kurengana iyoVideo yerekanwe kuboneshakurure “TV”zo mu Rwanda ahubwo ica ihagarikwa burundu ntiyokwerekanwa imbere y’abantu batarakwiza imyaka 18 nkuko bizwi neza y’uko imboneshakure zirambwa n’abantu bose haba batarakwiza iyo myaka kuko bayiravye irimwo abakombwa babambaye impuzu batikwije ni vyo bigiye gushikira SAT-B ngo Video yiwe “AFRICA GAL” ibonekamwo abakobwa bambaye impuzu batirwije biriko biravurwa mu Rwanda ngo ntiyibiterasoni ariko we avuga y’uko bitamuteye ubwoba ko iyo Reta y’urwanda ishobora guhagarika video yiwe kandi iwiwe ntaco itwaye bari kuri Piscine abakobwa yashizemwo.

-436Nk’abanywanyi mu muziki w’uburundi twobamenyesha ko gushika uno mwanya mu Rwanda ntayandi amakuru ariko aravurwa mu binyamakuru vyaho atari ya Video AFRICA GAL y’umuririmvyi SAT-B musanzwe muzika ari umurundi amaze igihe kirekire mu Rwanda kandi ngo ntakabuza umwanya n’umwanya Reta yaho ishobora kuyihagarika ntisubire kwerekanwa na canecane biriko bivurwa ko amashusho ayigize ariy’ibiterasoni kubera abakobwa barimwo bose inyambaro bambaye ziberekana ibihimba bigize umubiri wabo batari barekuriwe kwerekana hanze bavyereka amaso y’abantu bayiravye umwanya wose.

Kandi ntibiramenyekana neza y’uko Reta y’igihugu c’urwanda hoba harico yoba yamenyesheje umuririmvyi Sat-B nko kumumenyesha y’uko Video AFRICA GAL iyihagaritse mu Rwanda ntizosubira kwekanwa kubere inyambaro zambaye abakobwa yashizemwo bari ku hampande ya piscine batambiraho ikindi twashoboye kumenya kiriko kiravurwa cane muri cogihugu ngo Reta yaho irakunda guhagarika ama Video ameze nkiyo yiwe yarimwo abakobwa bambara impuzu batikwije bavyita iyibiterasoni ngo ni ryoba ari ryambere ibikoze ihereye k’umuririmvyi w’uburundi ukamuhagarikira Video yiwe ntirekanwe.

AAReta y’urwanda iranamaze kubikora mu guhagarika burundu kudasubira kurekurera Video abantu baho bayita ngo n’iyibiterasoni ntibashobora kurabwa kandi bariho abaririmvyi bahavuka bari bafise ama Video yabo ameze nkiyiwe yahagaritswe niyo Reta yabo,ubu ngo hamwe vyoshika Reta y’urwanda ikamenyesha umuririmvyi Sat-B kwihagaritse burundu Video yiwe y’indirimbo  Africa Gal kutazosubira kwerekanwa mu Rwanda n’uko akirindiye yumve ikizovamwo nimba izohagarikwa canke ikabandanya yerekanwa muri cogihugu ay’amakuru tuzoyabandanya tuzoyagarukako hanyuma ni twashobora kumenye neza ico Reta yo mu Rwanda yafashe kuri yo Video Africa Gal By Sat-B.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s