N.JOHN yatumiwe murubanza rwa Dot aririmba”MUBIMENYE”yakoze kumitima Abahumure n’Urwaruka i Bujumbura


Umuririmvyi N.JOHN mwino minsi abarizwa mugisagara ca Bujumbura yahaje atumiwe murubanza rudasanzwe rwa DOT guwitwa ININAHANZWE METHOD rwaraye rubaye kw’igenerezo rya 04/06/2016 uwo muririmvyi asanzwe aririmba indirimbo zitandukanye zirimwo impanuro zikomeye cane mu bantu bahumuye n’urwaruka ikintu gikuru catumye atumwako mururwo rubanza rwa Dot rwaraye rubaye n’uko bamuhamagaje aze kubateramisha mu kuririmba indirimbo ziwe zifise amajambo y’urukundo ahanura aherekejwe n’impanuro z’abubaka urwabo abanyura kumitima.

Ibintu yashoboye kubakorera murubanza rwa Dot uno muririmvyi vyashimishije abantu benshi cane mu kubaririmbira bakaryoherwa cane yaberetse y’uko umuziki w’uburundi arawushoboye kandi ikintu ca baryoheye bumvise ukuntu yaririmba baramushigikiye kubera y’arabaryoheye cane bumvirije indirimbo yiwe barayishima cane ngwirimwo impanuro y’amajambo y’urukundo yahanura abubatse izabo nkuko yahanuye umushingantahe Ininahanzwe Method nyene urubanza yamutumiye kandi yahanuye abantu benshi bayiteze amatwi bayumviriza.

1417090232_img20141126wa0003

N.JOHN mu guturwa murubanza rwa Dot yaje arwiteguriye bidasanzwe aryohera abantu benshi bariho abaririmbira indirimbo yise MUBIMENYE fise amajambo meza y’urukundo y’impanuro ku bantu bashakanye bakemeranya kubana akaramatakandi iyo ndirimbo yiwe yaraciye ibintu yararyoheye abantu benshi yakoze kumitima harimwo abahumure n’urwaruka kuko barashoboye gushimishwa nizo mpanuro bumvisemwo yakoresheje muri yo ndirimbo baravuze ngo n’inkoramutima yarabafashije bituma biyiyumvamwo bararyoherwa.

Umuririmvyi N.John mwurwo rubanza rwa Dot atumiwemwo kuwa gatandatu wiyi ndwi rwabereye i Bujumbura aho umuntu wese yarujemwo yatashe aryohewe cane k’ukuntu yaririmbiwe yumviriza neza ubutumwa bw’ajamabo bugize indirimbo MUBIMENYE bayikuyemwo impanuro nyinshi nkuko bavyivugiye nay’inkoramutima vyatumye bongye kumutimira ubugira kabiri murubanza ruzokurikira kubera bumvise ingene indirimbo yiwe ifise intumbero nziza ku bantu bose bayumvije rero urundi urubanza ruzoba itariki 16/07/2016 azoca yongera abaririmbire iyindi azobategurira kuwo munsi bakaryoherwa cane.

a9eb812238f753132652ae09963a05e9 Indirimbo MUBIMENYE y’umuririmvyi N.JOHN kuboba batarayumva twobambwira y’uko yayikoranye n’umuririmvyi Bruce Melodie wo mugihugu kibanyi c’urwanda aho yaraye ayiririmvye wenyene irabica biracika murubanza rwa Dot yari yatumiyemwo aravuga ngo yaraye aryohewe cane gose kubona abantu b’abahumure baranyunzwe n’impanuro z’ajamabo aranga iyo ndirimbo yiwe yabaririmbiye atibagiye n’urwaruka vyanatumye asubira kwizerwa ubugira kabiri mu gutumirwa murubanza ruzokurikira abonako umuziki w’uburundi akorera mugihugu camwibarutse awufisemwo intumbero nziza uzomushikana kure agakomeza gutera imbere.

KURIKIRANA AMWE MUMAFOTO AMURANGA UMURIRIMVYI N.John YARAYE ARYOHEYE ABANTU BENSHI BAKAMUSHIMIRA CANE MURUBANZA RWA DOT YARI YATUMIWEMWO RWABEREYE I BUJUMBURA

13307387_2130331970578689_1059552801629324170_n 13393990_2130331983912021_4377984452836780105_n

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s