DOUBLE JAY yamwemeje ASHLEY mundirimbo”MPIKIBANZA”ngo irakaze yaryohewe no kuyumviriza


Ku munsi wa gatano w’igenekerezo rya 03/06/2016 hashoboye kuboneka ko indirimbo nshasha yiswe MPIKIBANZA y’umuririmvyi DOUBLE JAY aherutse gusohora ikakirwa neza n’abantu benshi baguma bayumviriza nta kwezi kurahera ayisohoye ikintu kiriko kiraboneka cane bavuga ngo bayakiriye neza kandi bamushigikiye mu kumutera intege mundirimbo yiwe nshasha niho kuboneka umwe mu baririmvyikazi yitwa ASHLEY ntiyaniganwe ijambo mu kurishikiriza aba fans biwe abambwira ingene yakiriye Mpikibanza By Double Jay kuko yamuryoheye birenze mu gihe yayumviriza akavuga ko ikaze kandi yarangije amuha icubahiro“RESPECT”.
Ukuntu ikaze indirimbo Mpikibanza niho kandi Ashley acabarira aba fans biwe bayumvirize ibaryohere bumve ingene ikaze nkuko nawe yavyiyumviye vyaberetse ko amushigikiye uwayikoze ariwe Double Jay kuri co gikorwa yakoze c’iyo ndirimbo akumva ko idasanzwe yashizemwo uburyosheye buryohera ugutwi kuyumva no gushiramwo amajambo y’urukundo aryoshe kumva aririmbamwo abarira umukobwa amukunda ngo MPIKIBANZA mu mutima wawe n’ibindi vyinshi yamuririmbiye kandi abantu baguma bayumviriza irabaryohera.
12670790_638227842982578_8003492665883044283_nUmuririmvyikazi ASHLEY kuwo munsi akaba y’anashoboye kugaragaza uko yakiriye indirimbo MPIKIBANZA y’umuririmvyi DOUBLE JAY vyanabonetse neza yoba yamwemeje bikomeye bivanye n’ingene yumvisemwo amajambo y’urukundo aho yashimitse avuga ngo iyo ndirimbo irakaze agirako no kumuha icubahiro uwo muririmvyi  mu kumushigikira  ntiyibagiye kumbwira aba fans biwe bayumvirize nabo nkuko yamuryoheye birenze biramunanira kuvyigumizamwo ahitamwo ku bigaragaza imbere yaba fans biwe bakunda umuziki w’uburundi akora.

Mu kwerekana  kwiwe imbere yaba fans biwe abambwira ukuntu yakiriye  indirimbo MPIKIBANZA avuga y’uko ikaze ubu twovuga ko mu muziki w’uburundi hasigaye hari abaririmvyi n’abaririmvyikazi bamwe bamwe bashigikirana mu bikorwa vyabo nkiyo hagize uwusohora indirimbo ugasanga amuteye intege avuga ingene ashima ukuntu mugenzi we yakoze nkuko vyibonekeje k’umuririmvyikazi Ashley yaraye abikoze yerekanye y’uko ashigikiye Umuririmvyi Double Jay nyene iyo ndirimbo Mpikibanza  muguca anamubarira ko amuhaye icubahuro “RESPECT”.

11204415_525962137580840_767430815083664003_nTumaze kubona ingene Umuririmvyikazi Ashley y’amushigikiye Umuririmvyi Double Jay mu kuryoherwa kumviriza indirimbo yiwe“Mpikibanza”kandi irakaze aho yamwemeje agashika  abarira aba fans biwe nabo bayumvirize turangije tubambwira y’uko twakoranye ikiganiro na Double Jay atubwiye  ingene nawe yakiriye ukuntu yashigikiwe na Ashley.

Double Jay yatwiganiye ko vyamuryoheye cane biramushimisha kumutima kuko bituma bimwereka ko abo bakora umwuga umwe w’umuziki w’uburundi baramushikiye bamubarira ukuntu bakiriye no kuryoherwa kumviriza indirimbo yiwe nshasha aherutse gusohora akayita”MPIKIBANZA“ayikoze umwaka 2016 nyuma y’indirimbo SORRY yasubiyemwo abiciye ibintu mu bantu benshi bayumvirije nayo yabashimishije bamubarira ingene bayakiriye neza kuko abenshi bavuga ko iryoshe cane uravye no kurubuga rwa You Tube imaze kumvirizwa n’abantu 2,078 yagiyeko mu kwezi kwa kabiri kuno mwaka 2016.

DOUBLE JAY nkuko yaduhaye ico kiganiro yagiriye ko atubwira ngo ubu abanywanyi mu muziki w’uburundi mwakiriye  indirimbo MPIKIBANZA ikiri nshasha arabashimira mwese ingene mukomeza kumutera intege atibagiwe n’umuririmvyikazi Ashley yashoboye kumushikira akanamuha icubahiro c’ukuntu yayakiriye neza akemeza kwikaze kandi yarangije abereye y’uko agiye guzokora azoca atangura kuyikorera Video nayo uno mwaka  mushoboe kuzoca muyiraba ibandanye kubaryohera abashimisha mu kanezerwa nkuko mugikomeza kuryoherwa niyo ndirimbo aherutse gusohora muraguma mumushikira nawe azobereka kwashoboye umwuga w’umuziki w’uburundi kuva muntara ya Gitega iyo avuka.

YUMVIRIZE NAWE NGAHO IYO NDIRIMBO NSHASHA IHERUTSE GUSOHORWA N’UMURIRIMVYI Double Jay YAMWEMEJE UMURIRIMVYIKAZI Ashley NAWE NTIGUCIKE NGO IRAKAZE NI VYO MBEGA?

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s