CERDIC BANGY na WILLY NIYOMWUNGURE barabatangara kubona RETA y’uburundi itaramushimira KIDUM mu mateka ayitera


Ibihangange mu muziki w’uburundi vy’abaririmvyi 2 ni CEDRIC BANGY na WILLY NIYOMWUNGERE,kuno munsi wa gatano itariki 03/06/2016 bashimye guserura ivyiyumviro vyabo barabatangara kubona RETA y’uburundi itarigera yiyumvira gufata akanya ishimira igihangange c’uwo muziki ni umuririmvyi KIDUM amaze gutahukana ubushimwe bwinshi cane abutsindiye mu bihugu vya karere ka EAST AFRICA ngo batangazwa na Reta y’uburundi ntirigera nayo imushimira  kuva umwaka 2010 gushika uno mwaka 2016 imuhe agashimwe kamateka yateye igihugu c’uburundi  vyongeye ubwo bushimwe nibwa AWARDS.

Ivyo vyiyumviro vyabo vyabonetse ko bariko batera akamo RETA y’uburundi nkuko uwakizanye ari CEDRIC BANGY kandi ntiyigera imushiramwo KIDUM k’urutonde rw’Abarundi ishimira bama batera iteka uburundi nkuko yatahukanye ubushimwe bwinshi bwa AWARDS igire ico imushimira kubikorwa yakoze vy’amateka yose yateye uburundi ukuntu bo babibona birabatangaza cane ntibatahukirwa igituma itamushimira nkuko amaze kwegukana ubushimwe bwinshi bwa AWARDS mu mahiganwe menshi atandukanye bigatuma atera amateka uburundi mumahanga.

1506707_913196688741601_4855112674042338332_nCERDIC BANGY niwe yatanguye guserura iciyumviro ciwe avuga ko Reta y’uburundi itarigera imushimira Kidum itume imuha agashimwe nk’umurundi yabashoboye gutera iteka igihigu ngo ikimutangaza cane gose kubona n’uko Reta y’uburundi idasiba gushimira Abandi bakoze neza mugutera iteka igihugu ariko ngo ntiyigera  imushimira na Kidum akavuga ko abonako Kidum yarikwiye agashimwe ka“AMBASSADEUR SANS FRONTIERE”kuko niwe murundi wambere afise ubushimwe bwinshi mugutera iteka uburundi kuva umwaka 2010 eka no gushika umwaka 2016 yarushije Abarundi bose ntanumwe aramushikira mu gutsindira ubushimwe bwinshi  muri kano karere ka EAST AFRICA.

Yabandanije avuga y’uko Umuririmvyi KIDUM mugutsindira ubwo bushimwe bwa AWARDS mu karere muri EAST AFRICA bwatumye aguma atera iteka igihugu c’uburundi bwamwibarutse ahiganwa mu mahiganwa menshi cane n’ayandi atibagiye n’ibiteramo akorera mubihugu vya Bulaya ikindi yadondaguye ubushimwa bumaze gutwarwa nA kIDUM nka KILI AWARDS 2010 ibera mugihugu ca Tanzania ansubira yegukana agashimwe ka E.A.MUSIC AWARDS 2011 munyuma yiyongera agashimwe ka  KORA AWARDS 2014 muri Africa yose haciye amezi yegukana agashimwe ka KISIMA AWARDS 2014 ibera mugihugu ca KENYA.

Kidum-Kibido-wins-Best-Male-Artiste-Burundi-600x600

Umuririmvyi Cedric Bangy nkuko yabivuze y’uko Reta y’uburundi itarashobora kwiyumvira gushimira Umuririmvyi Kidum kuba yaratahukanye ubushimwe bwinshi bwa AWARDS mu karere ka East Africa niwe murundi wambere yarushije abandi Abarundi bose mugutera iteka igihuguu c’uburundi  ariko gushika uno mwanya ntirashobora kumushimira imuhe agashimwe nkuko idasiba gushimira Abarundi batera iteka igihugu c’uburundi ivyo bikaba bimubabaza cane yaciye avuga ngo:“tube dushimira umuntu akiri muzima apana ko barindira uwigiriye ngo yarintwari,ngo yari ambassadeur ,nayandi mashugwe akunda gutengwa uwigiriye.”

Yabivuze inyuma yaho Umuririmvyi WILLY NIYOMUNGERA nkuko nawe yagize ico ashikiriza nk’iciyumviro catanzwe n’umuririmvyi Cedric Bangy w’umurundi nkawe ukuntu atangazwa na Reta y’uburundi itariyumvira gushimira umuririmvyi mugenzi wabo Kidum Kibido kura yo mateka yose yateye igihugu c’uburundi bwamwibarutse biciye mu muziki w’uburundi akora inashobore kumushira nkuko vyabonetse ko bitabarwa neza abo baririmvyi bompi bariko batera akamo Reta y’uburundi ishobore kwikubita agashi imushimire KIDUM KIBIDO mu mateka amaze kuyitera na canecane mubihugu bigize EAST AFRICA.

12087240_507502709419356_2849641232082618323_oWilly Niyomwungere yagize ico yunganira Cedric Bangy nkuko nawe ngo biramutangaza  kubona Reta y’uburundi itaramushimira Kidum mu mateka yose yateye uburundi ahutahukana ubushimwe bwinshi mu mwaka 2010,2011,2012,2014 butandukanye bwa AWARDS niho kumubarira ngo:”Mutama Cedric Bangy ,uradukurira nabo ba Kidum bose baje munyuma ahubwo ikidari cambere niwe warugikwiye .Ariko uvuze ukuri kuko nanje birantangaza kubona Nimbona Kidum Jean Pierre igihugu cacu kitamwibuka.”

img_0011-600x600

Ngibi ivyiyumviro vy’umuririmvyi Cedric Bangy yashoboye gushikiriza uno munsi wa gatano itariki 03/06/2016 aho yariko aravuga ibijanye n’ukuntu abona Reta y’uburundi yoshobora kwibuka ikikubita agashi igashimira Kidum Kibido kurayo mateka yateye igihugu canke ikamuha agashimwe niho gutangura avuga ati :”Kuva 2010 gushika uno musi 2016,KIDUMU KIBIDO KIBUGANIZO GIPINE niwe murundi wambere yarushije abandi barundi bose ATANUMWE AVUYEMWO,mugutera iteka uburundi mukarere ka E.A.C ,ndasubiramwmo,mukarere ka E.A.C…yatsinze amahiganwa meeeshi nka : KILIMANJALO AWARDS ya 2011 arayiyusura 2012 itangwa i Tanzaniya , E.A.MUSIC AWARDS 2011 , KORA AWARDS 2014 Y’AFRIKA Yose,KISIMA AWARDS 2014 yo muri KENYA..nubundi bwinshi ntarinze kuvuga,hakongerako ibiteramo yirigwamwo mu BURAYI na AMERIKA ahohose agenda yemeza nogukundisha amakungu akaranga nururimi ndundi…NB/ NAYO MATEKA YOSE ATERA UBURUNDI NABARUNDI,,NTITURABONA RETA YUBURUNDI IMUSHIMIRA MUKUMUHA AGASHIMWE KABATEYE ITEKA CANKE BAKOREYE IGIHUGU MUGIHE RETA IDASIBA GUSHIMIRA ABANDI…..KIDUM akwiye iteka rya AMBASSADEUR SANS FRONTIERE

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s