PETER NIYO azosohora Video y’indirimbo”NYIBUTSA”abashaka kuzoyiraba yirindirane igicika cinshi


Umuririmvyi PETER NIYO aherutse gusohora indirimbo nshasha 2016 yise NYIBUTSA yaryoheye abantu bayumvirije ari benshi ngo ubu ntikiri urukurukuru yatanguye imyiteguro yo kuyikorera Video nshasha izosohoboka uno mwaka turimwo akabandanya avuga ko abanywanyi mu muziki w’uburundi mwamaze kumviriza iyo ndirimbo ubu mutangure kwitegura cane muri benshi mu kurindirana igishika cinshi Video nayo iracariko irakorwa ayirondera ibintu bikeneye ikorwe neza ibashimishe kuraba.

Uno muririmvyi PETER NIYO biboneka ko yaje adasanzwe uno curo mu muziki w’uburundi kubera ngo ibintu arigukora neza bizotuma aryohera aba fans biwe n’abanywanyi b’indirimbo ziwe cangwe ama Video bazoshimishwa n’ibintu bazobana muri Video yiwe nshasha y’indirimbo NYIBUTSA akavuga ko imyiteguro imurembeje ibikorwa vyayo biracariko birakorwa neza haba mumasanamu ,munyambaro bizomuranga muri Video Nyibutsa.

13237844_612601878905496_6309175156993412851_nUmuririmvyi Peter Niyo arambwira abashaka kuzoyiraba abamenyesha ko mutorinda kwigora ikintu abasaba ni kuyirindirana igishika cinshi cane araziko muzoshima kandi yabaye arabaha imponjo yayo ibereka ko atagihe kirekire gisigaye mushobore kuyiraba aho abarira abanywanyi mu muziki w’uburundi mushimishwa n’ibikorwa yama akora akabibashikiriza ngo ubu naho mwitegurire ico gikorwa gishasha co kuzoraba Video nshasha y’indirimboyiwe mukomeza mukunda kumviriza hasigaye mukunde Video nayo niyamara gusohoka.

Kandi aremeza neza ko yatanguwe gukorerwa amasanamu meza azoza asukuye ntibagira no kubashiriramwo umwamikazi wa Video Nyibutsa nkuko yama abikora akoreshwamo umukobwa azoyiryosha mugashobora kryoherwa mu gihe muzoba muriko murayiraba ntibisanzwe k’umuririmvyi Peter Niyo mu mwaka 2016 ngo azoguma abakorera ibikorwa vyiza bibaryohera birarwa n’indirimbo akazikorera ama Video kuko sikera muratangura kuraba iyo Video nshasha y’indirimbo NYIBUTSA yatanguye kubamenyesha kwiriko irakorwa.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s