Urabizi ko BIG FIZZO na CHAMELEONE bazokora CONCERT barikumwe mu Burundi mu kw’6 umwaka 2016?


Inyuma y’ukwezi kumwe gusa igihangange mu muziki w’uburundi acungerewe umutekano udasanzwe n’igipolisi c’uburundi agakikuzwa impande zose aho abantu benshi vyabasize ubwenge gushika nuno mwanya hakiriho bamwe batabitahura nkuko hariho abamugeranije nk’umukuwu w’igihugu c’uburundi avukamwo uwo suwundi ni Umuririmvyi Big Fizzo igihe yashika mu Burundi aje gukora Concert yari yatumiwemwo n’ishure ryitiriwe ikiyaga Tanganyika ariryo LYCEE DU LAC TANGANYIKA hari kw’igenerezo rya 14/05/2016.

Ico gihe  Big Fizzo y’acungerewe cane umutekano wiwe w’ubuzima yarari mumudoka hama abapilisi nabo kuruhande rw’imodoka biruka,yaragomba kwinjira gukorera Concert kwiryo shure nyene ubu naho agiye kugaruka ubugira kabiri asubire kubica bicike imbere y’insizi ry’Abarundi bakunda ibikorwa vy’umuziki w’uburundi akora eka naba fans biwe bose gushika uno mwanya bacikugura bavugako baryohewe n’ukuntu yateramishije abaririmbira.

dsc_0358-2Ico twobarira Abarundi bose mwashimishijwe n’ingene yateramishije kuri Lycee du Lac Tanganyika aho amakuru twaronse agezweho mu muziki w’uburundi hamaze kumenya y’uko azoshobora kuza mu Burundi gukora iyindi Concert yamutumiyemwo arushirizeho kubateramisha abice bicike ariko ntiharashobora kumenyakana ikibanza azoyikoreramwo kugira mumwitegurire kare kandi n’itariki bizoberako ntiramenyekana ariko ico twababwira nk’abantu mwoba mushaka kuzoza n’uko ukwezi kw’6 niho izoshobora kuberako Concert.

Hama hamenyekanye numwe mu bihangange mu muziki wo mugihugu ca Ugandan canke East Africa  yaratumiwe kuzoshobora kwifatanya na BIG FIZZO ico gihangange ni Umuririmvyi DR. JOSE CHAMELEONE muzoshobora kumubona kuri Concert bagiye gukorana izoshobora kuba ukwezi kw’6 mu kibica bicagika imbere y’Abarundi insinzi bazoba bashikiye kurorera nkuko twabibabwiye ntabwo haramenyekana itariki n’ikibanza izoberamwo tuzobandanya dukwirikirana hafi iyi Concert tuzobabwira ingene iteguwe yose nihasohoka bimwe bita AFFICHE canke COVER.

BIG FIZZO na DR. JOSE CHAMELEONE umwanya wose ngo bariteguye bikwiye kuzoshobora guteramisha abanywanyi mu muziki w’uburundi muba mugihugu c’uburundi ntimuzotangwe kwishikira ahazobera Concert yabo igiye kuzoba ukwezi kw’6 hasigaye umunsi umwe n’anasaha kugira gutangure uzoba ari umunezero udasanze muba fans ba Big Fizzo bakimufitiye inkumbu nyinshi abateramisha irigira kabiri nkuko yabigenjeje kuri Concert yakoreye kuri Lycee du Lac Tanganyika kuno kwezi.

Kandi Big Fizzo muri yo Concert azokora azobaryohera cane kuko aherutse gushira k’umugaragaro asohora indirimbo nshasha 2 zishushe uno mwaka 2016 kandi abantu benshi bavugako arizo ndirimbo zibaryohera hariho iyoyise “MY BABY”imaze indwi imwe ayisohotye,iyindi yitwa “FOREVER Remix “imaze iminsi isohotse y’ayikoranye n’umuririmvyi DJ PUIS wo mu Rwanda ubu ziragezweho mu muziki w’uburundi zose.

12cutConcert bazokora ngo izoba idasanzwe nkuko n’igihagange c’umuziki wa East Africa,DR. JOSE CHAMELEONA wo muri Ugandan barikumwe bazobaryohera bayikoreye mugisagara ca Bujumbura,tubibutse ko itariki n’ikibanza izoberamwo ntibiramenyekana ariko ukwezi nimu kw’6 umwaka 2016 muraguma hafi mu dukurikirana muri benshi nimba mushaka kuzomenya vyinshi mu kumenya itariki , ikibazo bazoyikoreramwo nivyamara kumenyakana neza tuzoheza tubibamenyeshe mumakuru  agezweho mu muziki yo hanyuma.

My Baby By Big Fizzo

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s