Yoba PREEZE 36 yakinanye NI NDE? hamwe na BIG FIZZO bacuranga umudúri n’íkēmbe ntibisanzwe barabe


Umuririmvyi PREEZE 36 azwi cane nk’umuraperi akomeye cane w’umuziki w’uburundi nkuko aryohera abantu benshi mundirimbo ahora asohora bakazumviriza canke bahuriye mu biteramo mu mwanya uheze niho hahejeje kumenyana ko yoba yarashoboye gukina igikino c’inkuru yitwa NDE? arikumwe n’igahangange mu muziki w’uburundi ni Umuririmvyi BIG FIZZO aho aba fans babo batangaye kubabona bafise ishusho itangaje y’igicapo ciza bayishimye cane gose.

Kuvaho babonye inkuru ya Preeze 36 na Big Fizzo ivugako bacurangiye umwami bahejeje arabagabira kandi abo ba fans baryoherwa ukuntu bumvise bagikinye mu kuryohera umwami bakamutwenza hamwe n’ukuntu nkuko babiboneye kw’ifoto  bariko iranga umuririmvyi Big Fizzo afise íkēmbe hama n’umuririmvyi Preeze 36 nawe afise umudúri ingene bashoboye kuyivuza nkuko mubabona namwe ntibisanzwe bamwe bibaza ko bitabayeho abandi bakavugako bibatangaje gose baryohewe kumva ukuntu bantwengeje Umwami.

13320368_1635981586727841_5241124889365859592_oIco gikino bashoboye gukinira umwami bacuranga bamuvugiriza umudúri n’íkēmbe baririmba indirimbo zitandukanye ngo baramuryoheye nkuko ico gicapo cabo kibaranga mu gihe bariko babicuranga kandi ngo hari nkó mukīnjana ca 18 niho PREEZE 36  hamwe na BIG FIZZO batanguye kumucurangira uwo mwami bifitiye umudúri n’íkēmbe bamuvugiriza umuziki w’uburundi  yaje kwisanga aryohewe cane birenze atwenga kubera ukuryoherwa mukumva indirimbo bamucurangira bakoresheje ibikoresho ndangakaranga k’uburundi.

13087296_1268775016484801_7055186672537913377_nUwo mwami ngo yitwa Mutâga Senyamwîza yiyumviriye gutumako PREEZE 36 hamwe na Big Fizzo rero bamaze gushika ahaaba baca barajako baramuvugiriza umudúri n’íkēmbe niho babandanije bayivuza haragera aho aryoherwa aca ahitamwo ngo kubagabira abashimira ivyo bikaba vyashoboye kuba ngo mukīnjana ca 18 nkuko bimenyeshwa n’urubuga  rwitwa Nde?design.

Nde?design aho twashoboye gutemberera urwo rubuga kandi uwurukoresha  afisemwo amafoto menshi yacapuye zose zifise inkuru ukuntu vyagenze nkuko yashoboye kubigaragaza avyiganira Abarundi ashizeko iyo foto mubona hejuru ya Preeze 36 hamwe na Big Fizzo bafise umudúri n’íkēmbe,ikomeje gutangaza abantu benshi bayibonye bakibaza mbega ivyo bintu vyarabaye canke boba bahuriye hehe?bagashobora kumuvugiriza Umwami Mutâga Senyamwîza.

img-20151022-wa0000Soma ukuntu vyagenze nkuko bishikirizwa na  Nde?design haciye isaha imwe irengako gatoya  bibaye mugushikiriza iyo nkuru y’umuririmvyi Preeze 36 hamwe n’Umuririmvyi Big Fizzo bacurangiye Umwami mu gukoresha umudúri n’íkēmbe yatanguye avuga ngo:” Nkó mukīnjana ca 18…

kèéra abakurú bărakûnda kunêzērwa
Ninayó mpămvu băkūnda kwìítwāza ababátwēnza, ababácurarāngira n’ábăndi..

Uwo mùúsi udasānzwé
Mutâga Senyamwîza atumakó Fizzo na Dj Prince

Baramúshirirakó umudúri n’íkēmbe

Umwămi araryôherwa gushika nâhó abagabíra.

Nõné umwămi yaryôhewe n’úmuzikí
Cânké ni umuzikí waryôhewe n’úmwămi..?”

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s