N.JOHN MELODICA amenyesha kwasigaye afise Studio nshasha yise”NEXT LEVEL SOUND”ayishize i Muyinga


Umuririmvyi N. JOHN Melodica mu mwaka 2014 yatangaje abanywanyi benshi mu muziki w’uburundi ndetse atangaza na bamwe mu baririmvyi bagenziwe mu gihe iradiyo Isanganiro yari yateguye ihiganwa rizwi cane nka ISANGANIRO AWARD niho yashoboye gutahukana ikibanza cambere mwiryo higanwa atsindira ISANGANIRO AWARD 2014 ingene yayitsindiye yarafisemwo indirimbo NDASAVYE IJAMBO yashimwe cane n’Abarundi benshi mu kuyitora bayiha amajwi menshi bumvirije neza ubutubwa bw’amajambo yaririmvyemwo.

Uno muririmvyi N.John Melodica yaramaze hafi amezi menshi atumvikana mu banywanyi mu muziki w’uburundi canke muba fans biwe uno mwaka 2016 ntibigeze bamwumva abambwira y’uko yoba afise nk’indirimbo nshasha agomba gusohora nkuko yakubakunze iyo ndirimbo Ndasavye Ijambo yatumye yegukana  Isanganiro Award 2014 kuko benshi bakunze amajambo yakoresheje aririmba y’inkoramutima yubatse imitima y’abarundi benshi ubu ngo yagarutse yaje afise ico ashaka kubamenyesha abazaniye kigize ibikorwa vyiwe vyuno mwaka.

dscn2675_1_-89574Ukugaruka k’umuririmvyi N.JOHN Melodica mu muziki w’uburundi uno mwaka azaniyemwo aba fans biwe ibintu bishasha gusa bizobashimisha muminsi irimbere nkuko avyemeza aho abamenyesha y’uko ntagihe kirekire gisagaye atangure kubashikiriza neza ibikorwa bishasha yabateguriye haba indirimbo nshasha n’ibindi bizomuranga mu mwaka 2016 imbere yabo ababishikiriza bakavyakira neza kandi ngo yagarutse azanye ikintu gishasha mu guteza imbere umuziki w’uburundi muntara ya ruguru izokwama ikorerwamwo ivyo bikorwa abazaniye.

N.JOHN Melodica ngo igikorwa gishasha cambere atanguriye ko mu gihe yari mu gacerere adakakaza imbere y’abanywanyi mu muziki w’uburundi naba fans biwe avuga y’uko azananye umugambi mwiza uzobashimisha kandi usigaje iminsi mikeya ibaho kugira yugurure inzu nshasha yiwe bwite ni y’ubuhinyanyuzi“STUDIO”izohora ikorerwamwo indirimbo z’abaririmvyi  kandi ngo yaramaze no kuyironkera bimwe bita LOGO.

N JOHN

 

Akazoshobora kuyururira muntara ya MUYINGA niho ibikorwa vyayo bizohora birangurirwa.

11401172_1589919451296902_6130636538859405797_nYabandanije avuga y’uko iyo nzu “STUDIO”nshasha yiwe y’ubuhinyanyuzi mugukora indirimbo z’abarundi izoba idasanzwe kuko yanamaze kuronka ibikoresho bikenewe kandi bigezweho mu guhinyanyura indirimbo igasohoka iryoshe,uwushoboye kuyumva imuryohera hama yavuze ko izina riyiranga  izoba yitwa“NEXT LEVEL SOUND”ikindi abazokenera kuyikoreramwo ntahandi bazoyisanga atari muntara ya Muyinga.

Kandi N. John Melodica yashoboye kugaragaza indoto ziwe yarafise zicitse ukuri  nkuko azoshobora kugurura inzu nshasha yiwe,y’ubuhinyanyuzi bw’indirimbo z’abaririmvyi nkawe hamwe n’abaririmvyikazi bakora umuziki w’uburundi bashaka kuyikoreramwo bazoza bayisanga i Muyinga kuko ariho yashimye kuyishira igakorerayo nka NEXT LEVEL SOUND ikazokora ibikorinka nkuko avyizeye nawe ni vuba arayuguruza itangure gukora ibikorwa vy’umuziki w’uburundi bwamwibarutse.

n-johnIbi bishoboye kuba inyuma yaho haciye imyaka 2 yose atsindiye  ISANGANIRO AWARD 2014 mu kurusha abaririmvyi benshi nkawe bahiganwa nkuko umwe wese yarafise indirimbo imunserukira igatorwa n’abantu bakayiha amajwi ariko niwe yashoboye kuritsindira nkuko twabibawiye ko indirimbo yiwe”Ndasavye Ijambo” ariyo yatumye atsinda kubera yahanuye cane gose urwaruka rw’uburundi n’izindi impanuro nyinshi yaririmvyemwo tubibutse ko asanzwe avuka muntara ya KARUSI.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s