UMURIRIMVYI W’UMUSI/KIDUM


KIDUM NINDE?

Uwo muhanzi akomeye cane, NIMBONA Jean Pierre batazira KIDUMU, yavutse itariki 28 Gitugutu umwaka 1874, i Burundi mu gisagara ca Bujumbura muri zone ya Kinama.

Ni umwana w’imfura mu muryango w’abana batandatu.

Mw’intambara yahitiye mu gihugu cacu, Kidumu yabuze Inakuru, Se wiwe hamwe mushikiwe (intambara yaramuhekuye).

•Mu myaka cumi gusa y’amavuko niho yatangura kuririnba no kuvuza ingoma (batterie).

•Mu myaka 16 niho yatangura kubica bigacika muri zone yavukiyemwo (Kinama), aho yaratanguye kuba umuhanzi akomeye. Yavuza ingoma (batterie) mu murwi IMVUMERO, aho yaciye yumva umuhamagaro wo gutangura kwandika indirimbo ziwe.

•Mu mwaka 1994, niho yatanguza umurwi wiwe bwite, ariko yaciye ahungira mu ntara zo hagati mu gihugu kubera umutekano warumeze nabi kubw’intambara zari mu Burundi no mu Rwanda, aho uwo murwi waciye usambuka.

•Mu 1995, niho yumva ko hari umushikiranganji yagandaguwe, ninavyo vyatumye aca yandika ururirimbo rwiwe “YARAMENJE”, kandi muri uwo mwaka nyene yaciye ahunga igihugu ahungira mu gihugu ca Kenya.

•••Iyo ndirimbo YARAMENJE yarakunzwe cane mu karere kose kubera amajambo yarimwo.

•Mu 2001, yatumiwe n’Umukuru w’igihugu w’ico gihe S.E Pierre BUYOYA hamwe n’amashirahanwe Mpuzamakungu nka ONU, PNUD na radio RPA kugira aze gufasha mu gutsimbataza Amahoro mu biteramo kugira imitima y’abarundi yarimaze imyaka myinshi mu ntambara isubire kurema. Iyo ndirimbo rero YARAMENJE ica irasamirana igihugu cose.

•Mu 2002, Ambassade y’Abanyamerika yaramutuniye mu giteramo bise Peace Really.

•Mu 2003, yari i Dubaï , aho yavuza muri Karaoké muri Hotel Phoenicia, yaciye agaruka mu gihugu ciwe c’Uburundi, hama aca atumirwa kandi mu Rwanda ku musi wahariwe Ukwibohora (Journée de libération), aho yabandanije no mu giteramo buca haba amatora ya mbere mu Rwanda, baririmba hamwe n’Umuririmvyi akomeye cane wo mu gihugu ca Afrika y’Epfo Nyakwigendera Lucky Dube.

Kuva mu 2003, Kidumu yaguma azunguruka isi yose ateramisha abarundi mbere n’abanyamahanga nko mu Bubirigi (Bruxelles), Montgomery,…

•Mu 2004, niho yasohora Album yiwe ya Kabiri “ISHAMBA” hamwe n’iya gatatu “ISHANO”, Album ya mbere yitwa “YARAMENJE”.

🔹Ubutumwa buri mu ndirimbo ziwe nka zose ni AMAHORO, kwitandukanya n’amacakubiri y’Ubwoko canke Imigambwe., agasaba ko abantu borangwa n’URUKUNDO.

Kidumu kubera akazi kiwe akora, mu mwaka 2011, niwe yabaye Umuhanzi wa mbere akomeye kandi ashoboye muri East Africa umwaka wose (BEST ARTIST OF THE YEAR) muri East African Music Awards.

Edmond Rossif NIYOMWUNGERE/Team+257 Franck ProKidum-Kibido-wins-Best-Male-Artiste-Burundi-600x600kIDUMU_2

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s