Ngo ama Dollars yakoze Video UTAIPENDA ntiyapfuye ubusa kwa NATACHA na GAGA BLUE mubarabee muri Cover yayo


Umuririmvyikazi NATACHA biboneka ko amafaranga yama Dollars ariko aramubaba cane mu kumubana menshi nkuko yaraye abimenyesheje ko Video nshasha y’indirimbo UTAIPENDA afashije kuyikorana n’umuririmvyi GAGA BLUE ko yatwaye uburyo bwinshi bwama Dollars atagira izina aho abanywanyi mu muziki w’uburundi batanguye kubazanya ngo ama dollars atagira izina arabaho?ariko ico abamenyesha n’uko abaho kandi yatumye Video UTAIPENDA ikorwa neza k’ubuhinga burimwo ibintu bishasha batarigera babona mu yandi ma Video yahano mu Burundi.

13244605_2125973067681246_6376626688691897224_nNatacha kuno munsi wa gatatu igenekerezo rya 25/05/2016 niho ashimye kubereka amwe muma COVER aranga Video nshasha y’indirimbo Utaipenda ari kumwe na Gaga Blue yongeye arabamenyesha abanywanyi mu muziki w’uburundi  naba fans biwe ikiringo  boyirindirana igishika cinshi ari benshi kuzo yirabira nkuko benshi bashaka kwibonera ivyo ibintu bishasha bakoreshejemwo muri Video UTAIPENDA.

13268190_2125506377727915_6576924478194932853_oBambaye impuzu n’ibirato vy’agaciro bizimvyr cane gose kugura ngo baziguze mum’afarafarangaa yama Dollars atagira izina atari amafaranga y’amarundi nkuko mubibona kuri Cover yabo Video UTAIPENDA ukonyene niko muzoshobora kubabonamwo bari ahantu hatazobatangaza kandi ngo iyo Video izoshika kurwego rukomeye imugirire akamaro gakomeye  hamwe n’umurirmvyi Gaga Blue yafashije mu kuyikorana.

Inyuma yaho aherutse gusohora Video yiwe nshasha y’indirimbo UNAIOGOPEDA ikunzwe n’abantu bose bari muri AFRICA kandi iza muma Video yambere meza akoze neza mu muziki wa East Africa nkuko muvyibuka yayiloranye n’umurwi w’abaririmvyi YAMOTO BAND rurangirwanwa muri Africa irazwi cane ugizwe n’imisore ikirimito.

13241204_2125506421061244_4730130394534377944_nVideo Utaipenda y’umuririmvyi Gaga Blue afashijwe na Natacha  ngo abantu benshi mushobora kuyorindirana igishika cinshi muri iyi ndwi nyene ntizohera mutayibonye niho bazoshobora kuyishira kumugaraharo mu yirabe mu kuyirondora babaye barabereka ama Cover yayo agize bimwe mu bintu izoyiranga kandi bizobatangaza nkuko baberetse akarorero kuko bazoba bambaye impuzu n’ibirato vy’agaciro.

13245312_2125973211014565_5659101219638189894_nKandi ngo uburyo bwama Dollars yatwaye ntibwapfiye ubusa kubera ni Video izoba rurangiranwa mu muziki w’uburundi izogera no mu muziki wa East Africa aho abantu bamukurikirana bazoshobora kuyiraba igaca no kumboneshakuru”TV”zaho hamwe nizaha mu Burundi.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s