Ikigihe CHANNY QUEEN afise imbanyi”INDA”agomba kuvyara umwana agira 2 nyuma y’imyaka myinshi avyaranye na LOLILO


Umuririvyikazi CHANNY QUEEN mu ntango z’umwaka niho yashobora gutangura gushira ahabona ibikorwa vy’umwaga wiwe wo kuririmba mu muziki w’uburundi imbere yaho yaramaze gusohora Video y’indirimbo Without You yaranezeye abantu bayiravye kandi yashoboye no gukora iyindi Video nshasha muga ntarayisohora irarindiranwe igishika c’inshi n’aba fans biwe n’abakurikirana ibikorwa vyiwe bibashimisha ukuntu abikora.

Amakuru agezweho mu muziki w’uburundi twaronse y’umuririmvyikazi CHANNY QUEEN mashasha muba fans biwe mutari muzi n’uko ikigihe asanzwe yibungeze afise imbanyi “INDA” kandi umuntu arashobora kuyibona neza amusanze aho yoba ari hose biboneka y’uko imaze igihe ayitwaye ubu agiye kuzokwivyarira Umwana agira 2 nimba azoba ari umuhungu canke umukobwa kimwe gusa mwomenya n’uko yabaye arafata akaruhuka gatoya mu muziki akora w’uburundi gushika yibarutse.

13266099_2125639464381273_4914755626515095760_nUbushakatsi twakoze nkuko twama twagerageje kubaronderera ibiranga Abaririmvyi canke Abaririmvyikazi haba mu bikorwa vyabo canke mu buzima babayemwo butandukanye rero n’uko twashoboye kubaronkera amwe mumafoto y’umuririmvyikazi Channy Queen amuranga neza ko yibungeze arabinezerewe kuba agomba kuronka ikibondo kigira kabiri  nkuko muyabona ayo mafoto ukuntu amwenyura atwenga arangwa n’umunezero udasanzwe.

Tubibutse ko Channy Queen yibungenze imbanyi y’umwana wiwe a kabiri azoyitwara amezi icenda azoca avyara ni nyuma nyuma y’imyaka myinshi avyaranye numwe mu bihangange vy’umuziki w’uburundi ni Umuririmvyi LOLILO ariko ubu haciye imyakamynshi baratandukanye mu kuvyaranye uwo mwana uwwe ni umukobwa ubu arisumbuye yaratanguye amashurekandi n’umukobwa mwiza baramwishimira kuba bamufise ntubwo batakiri kumwe umwe wese abayeho n’ubuzima bwiwe.

12032237_1668655313377207_1376004200458183941_nNk’umunywanyi mu muziki w’uburundi ushimishwa  mu gukunda ibikorwa vy’umuririmvyikazi Channy Queen ahora akora kenshi ukamwumva mundirimbo nyinshi  yafashije  abaririmvyi izindi azikorera mumurwi arimwo witwa THE COUSIN utwarwa n’umuririmvyi R.FLOW banakundanye bitana umugabo n’umugore nko kubwawe  wo musabira iryahe isengesho rivuga gute ku Mana? ibandanye imurinda azovyare neza iyo mbanyi yibungenze y’Umwana wiwe azoba akwirikije imfura yiwe y’umukobwa yavyaranye na Lolilo.

Dusozere tubamenyesha ko imbanyi y’umuririmvyikazi Channy Queen aho abantu benshi batanguye kuyivugako vyinshi kubera ngo bazi y’uko umugabo wiwe ni R.Flow inyuma y’ugutanduna n’umuririmvyi Lolilo bavyaranye umwana rero ngo yayitwaye batari kumwe na R.Flow mugihugu kimwe c’uburundi bwabibarutse umwe ari mugihugu kibanyi co mu Rwanda ahamaze amezi menshi ahakorera ibikorwa vy’umuziki w’uburundi mu gukora ama Karaoke ayakorana na CHARE BAND y’abarundi uwundi ari mu Burundi.

12741903_1705723403003731_2272168737824352993_nKandi amakuru tukiriko tubandanya gutohoza neza y’umuririmvyikazi Channy Queen avurwa ko ngo ubu afise uwundi mugabo basohokana nuwo mubona bari kumwe kw’ifoto amufashe kw’ibere biravurwa ko iyo mbanyi afise atari ya R.FLOW ahubwo niy’uwo mugabo turacabandanya tubatohereza neza amakuru y’imvaho tuzoyagaruka ko tuyabamenyeshe ubugira kabiri mu gukora ubushakashatsi nimba ari yuwo mugabo bari kumwe canke ari R.FLOW nkuko aba fans babo bazi y’uko ariwe basohokana nk’umugabo n’umugore bakoranye n’indirimbo nyinshi baririmbirana nk’indirimbo WANOKO.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s