NATACHA ati Video UTAIPENDA yatwaye uburyo bwinshi cane bwama dollars atagira izina izomuha ishusho nziza


Umuririmvyikazi Natacha akomeje guteza imbere ibikorwa vyiwe akorera mu muziki w’uburundi nyuma yugukorana n’umurwi YAMOTO BAND w’abaririmvyi bo mugihugu ca Tanzania bakoranye indirimbo UNANIOGOPEA bayikorera Video 2016 uno mwaka ikomeje kurabwa cane gose n’abantu benshi bagize EAST AFRICA.

Hamwe n’abari mu bihugu bitandukanye barayiraba cane baciye kuri You Tube kandi ubu Natacha yagarutse ubugira kabiri mu kubandanya ateza imbere umuziki w’uburundi nkuko amaze kuwuronkeramwo ubushimwe butandukanye kandi aherutse gukora iyindi  Video nshasha ya 2016 afashije umuririmvyi Gaga Blue niy’indirimbo UTAIPENDA.

13265916_2125506347727918_433482040480554149_nIyo ndirimbo uramaze iminsi irakunzwe cane kumvirizwa n’abantu benshi kandi ico mwomenya co nk’abanywayi bamukurikirana ngo muri yo Video ntavyorosha azobatangaza biteye igomwe.

Iyo ndirimbo UTAIPENDA nkuko ikomeza kuryohera abanywanyi mu muziki w’uburundi baguma bayumviriza mu kurindirana igishika cinshi na Video  Utaipenda izobonekamwo Natacha na Gaga Blue bayikoreye k’umuhinyanyuzi Amir Pro asanzwe akora kwa Tchetche muri AfroMusic ikindi nkaba fans ba Natacha ico mwomenya kandi na Bashir Dia yarafashije muri iyo ndirimbo kugira igende neza mugihe bariko bayikora eka abamaze kuyumviriza murumvako n’indirimbo iryoshe cane anaririmba Rap.


Tubamenyeshe ko igikorwa ca Video nshasha y’indirimbo UTAIPENDA ya Gaga Blue afashijwe na Natacha mutangure kwitegura kuzoyiraba kuko amasanamu ayigize mugiye kuzoraba ntasanzwe nkuko amwe mumasanamu ayigize avyerekana kurayo mafoto ayiranga Video Utaipenda kandi ngo yakozwe n’umuhinyanyuzi Guerra Man wama Video ageze kurwego rukomeye afise quality nziza  aho asanzwe akorera mugihugu caTanzania ariko akaba ari umurundi akora ibikorwa vyiwe ngaho nyene mugihugu ca Tanzania.

13233016_2125506201061266_413984728791356552_nNatacha akaba barakoze ibikorinka mugufata mumugongo Gaga Blue nkuko yamufashije kugira bakorane indirimbo na Video vyose bikaba vyatwaye uburyo buvuye mumufuko wuwo muririmvyika ikindi niwe yarihiye Guerra Man,itike imukura mugihugu ca imuzana mu Burundi gufata amasanamu ya Video UTAIPENDA vyongeye yasubiriye aramurihira iyindi iteke ikamusubiza muri Tanzania.

Umuhinyanyuzi Guerra Man yaramaze gushika mu Burundi akaba yashikiye muri Hotel Club du Lac Tanganyika akazoharonkera ibikenewe vyose ngaho muri iyo Hotel gushika aho azohereza kubafata amashusho azogaragara muri iyo Video ikaba ifise ibintu bishasha vyinshi bizobaryohera kurabamwo banywanyi mu muziki w’uburundi  rizoba arimbonekarimwe benshi muzotangara ni mwabibona rizoba ari ryambere ngo mubibonye kandi mutigeze mubona ntarimwe muma Video.

13238978_2125506277727925_9205183581239431492_nIyo Video UTAIPENDA ngo yatwaye uburyo bwinshi cane bw’amafaranga yamadollars atagira izina yakoreshejwe caaane kugira ikororwe mu kuzosohoka ari Video nziza iri professional iryohere abantu benshi bazoyiraba kuri You Tube no kumboneshakuru “TV“abashaka kuzoyiraba yirindirane igishika cinshi kuko ntisanzwe irimwo ibintu bishasha mutari bwigere kubona muma Video yaha mu Burundi.

Umuririvyikazi Natacha akavuga ko iyo Video nshasha y’indirimbo UTAIPENDA  igiye kumuha iyindi shusho nziza ikomeye kuko aba fans biwe n’abanywanyi mu muziki w’uburundi  na East Africa ntibari bamumenyereye aririmba muri Hip Hop akaba agiye kubemeza caaaane muri iyo style idasanzwe yo kuririmba nkuko abantu benshi bayikunze ubwambere bamwumvise mundirimbo Utaipenda iherutse gusohoka mu mwaka 2016  nta kwezi kurahera isohotse ubu naho iriko ikorerwa Video yibitangaza mu bantu bazoyiraba muminsi irimbere.

13244709_2125506317727921_4972853279421940085_nUmuririmvyikazi Natacha yarangije avuga ko azohora afasha umuririmvyi w’umurundi umwe k’umwaka kugira afashe urwaruka rw’abarundi biteze imbere nabo bagaragaze ingabirano zabo bafise mu gukora umuziki w’uburundi aho yashimye gutangurira mugufasha umuririmvyi Gaga Blue bakoranye iyo ndirimbo yabandanike amufasha n’uburyo bwo kuyikorera Video kandi uwo muririmvyi nawe asanzwe akora Hip Pop aramenyerewe cane mundirimbo zitandukanye nyinshi zifise ama Video aho mumezi yahera aherutse gusohora Video nshasha y’indirimbo yise NA TEMA.

RABA INGENE BIZOBA BIMEZE MURI VIDEO Utaipenda

13268190_2125506377727915_6576924478194932853_o

13241204_2125506421061244_4730130394534377944_n

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s