MKOMBOZI atahuza abarundi bakibabaye kubona BIG FIZZO yaraje muri Concert agacungerwa n’igipolisi c’uburundi kuri Lycee du Lac Tanganyika


Umuraperi MKOMBOZI benshi baramuziko ari Umuririmvyi rurangiranwa akomeye cane gose mu muziki w’uburundi muguserura ivyiyumviiro vyubaka Abarundi benshi cane abicishije mundirimbo yama akora buri umwaka bakazakira neza canecane indirimbo 2 zakozwe umwaka umwe zikabakora kumutima arizo:” NZEYIMANA na PAPA NZEYIMANA” yazikoze umwaka 2015 imbere y’uko umutekano w’ubuzima bwiwe ugeramirwa akaronderwa nagize banabi agahita ahunga igihugu ca mwibarutse c’uburundi.

Kubera imwe muri zo ndirimbo ariyo NZEYIMANA bivurwako itashimishije abategetsi bamwe bamwe b’igihugu bivanye n’ubutumwa bw’amajambo yakoresheje aririmba nkuko ayo makuru yagiye aravurwa nyuma yukwitiranya Umuririmvyi ELLY’S BOY kwari Mkombozi agahohoterwa ubuzima nabagize banabi bagahakwa kumwica bamubwira asubiremwo kuririmba indirimbo NZEYIMANA.

10302228_1048047741901462_4326156382903958140_nK’ubushakashatsi twakoze k’umuririmvyi MKOMBOZI twaraye dukoze mu kubaronderera amakuru agezweho mu muziki w’uburundi yerekeye wewe n’uko yashoboye kuguruka atahuza abarundi benshi gushika uno mwanya bakomeje kubabara kubona igihangange mu muziki w’uburundi ni Umuririmvyi Big Fizzo yaraje muri Concert yakoreye kuri Lycee du Lac Tanganyika kw’igenekerezo rya 14/05/2016 agacungerwa umutekano n’igipolisi c’igihugu c’uburundi bwamwibarutse benshi ngo bariko bavyitiranya na Politike kuko ntibaratahukirwa icatumye acungerwa nkakurya.

Mkombozi mu kguruka kwiwe atahuza Abarundi bakibabajwe n’ukubona ivyakorewe Big Fizzo agacungerwa umutekano n’igipolisi c’igihugu c’uburundi muri Concert yajemwo nk’umutumire yatunganijwe n’ishure rya Lycee du Lac Tanganyika gushika ubu bayitiranya ko yari Concert y’umugabwe uri kubutegetsi rero uno muririmvyi ababwira ngo Abarundi murakunda gupolitiza ibintu hazogera igihe n’ibijumbu ari vy’uyumugabwe canke vy’ababantu canke vya Sindumuja.

Umuririmvyi Mkombozi yabandanije abatahuza Abarundi bariko bagereranya iyo Concert yajemwo Big Fizzo bavugako yari y’umugabwe arabwira ngo hazogera igihe n’uburobe dutangura kubutangirako insiguro hazogera igihe n’ibintu vyacu gusa Abarundi ibintu vyose barabipolitiza hazogera n’igihe n’abigeme bakunda ba Sindumuja bakunda abaja ubu ko mwamaze kubishira muma karitiye hariho yaba Sindumuja nama karitiye ya Baja hazogera rero n’igihe no mubakobwa bakunde ba Sindumuja muhejeje ivyo muce mugenda muvyerekeye idya izi ndya zikunda ba Sindumuja bisobanurako iyo ni VIRUS murimwo Abarundi birakwiyeko bayikuramwo.

Harya ubukene bwambere ni mumutwe umaze gukena mumutwe ntavyawe naho boguha amahera wosanga ayo mahera wayahinduye igihanaguzo co mukazu kasugumwe kubera mumutwe atakiriyo jewe ivyo Big Fizzo yakoze ndabishikiye naravyitegereje neza kuko ico ndaba ni Abanyagihugu bararyohewe kuko twese nicoturwanira kugira ngo Umurundi azobeho neza azonezerwe birya vyose ni vyiyumviro  kurefeshinga imvyiyumviro vyabo n’ukuri jewe ndabishikiye 100%.

13267808_1602286260061522_6557725365148259765_nNtiyagarukirije ngaho Mkombozi yakomeje ababwira ngo irya Concert Big Fizzo yakoze icambere na mbere niya Lycee du Lac Tanganyika kandi si Umugambwe ni shure kandi dusanzwe tubiziko ari ishure kubona Big Fizzo jae mwirya Concert sintibazako ari kibazo n’ukuri none mwashaka ko acungerwa nande? none ko twese turaziko mu Burundi umutekano atari mwiza kandi ategerezwa gucungerwa n’abasanzwe bawucungera neza.

Bawumetriza jewe nibazoko atakibazo ico yakoze carigikwiranye kandi nkuko ndumu  patriote jewe vyaranejereje kuko raba Abarundi imitima yabo yababaye kuba barabonye irya Concert ya Big Fizzo yarasubiriye guhuza Abarundi yarasubiye gutuma aba Jeune batava muraya makaritiye baja muyandi ico gihe baprofita kuja kubonana n’abandi bakazunguruka n’imitima yabo  ikaruhuka n’uku nkumu patriote vyaranejereje cane abavuga ivyo navyo  bari kumucungera bo  basi.

13237736_2121866651425221_1531014112810542513_n

Part1 – BIG FIZZO BIG FIZZO ashitse Mu Burundi bamugereranije nK’umukuru w’Igihugu

UMVIRIZA INDIRIMBO NSHASHA YIWE ISOHOTSE UNO MWAKA 2016

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s