KHALIF SOULTAN NI UMURIRIMVYI MUSHASHA MU MUZIKI W’UBURUNDI


184519_462796367142454_1761138332_n(1)

KHALIF SOULTAN ni umuririmvyi mushasha mu muziki w’uburundi. Aho twamugendera aho asanzwe aba mu gisagara ca Bujumbura twarayaze vyinshi ku bijanye n’umwuga wiwe wo kuririmba. Hamwe n’ibindi vyose asanzwe akora mu buzima bwa misi yose.

  Uti yasohoye indirimbo iyihe yitwa gute?

Yatubwiye ko amaze gusohora indirimbo imwe gusa kandi abantu benshi bakunze haba aho aba nahandi hose. Iyo ndirimbo yise INGWE niyo yonyene amaze gusohora. Hama yarabandanije atubwira ko yaciye aba arahagaritse umuziki kugira arondere ubuzima. Yaratumenyesheje ko yahuye n’ibibazo vyinshi mu mwuga wiwe aho yaciye aja gukora umwuga wo gukora amafoto(design) hamwe n’umurwi witwa BUFFALO ART bakaba kandi bafotora muma concet akunda kubera i bujumbura.1026201_573137526097762_1139400802_o

KHALIF SOULTAN rero ngo yaragize ibibazo vyinshi aho yakumiriwe ku ma Radio menshi aho bamwankira kuja kumenyekanisha umuziki wiwe mu biganiro bimenyekanisha umuziki n’abaririmvyi aho kenshi bamusaba ibiturire kugira atumirwe ku ma radio. Ubu rero ngo agiye kugaruka gukora umuziki n’inguvu nyinshi kuva aho yumviye ko ikinyamakuru cacu cihaye intumbero yo kumenyekanisha ibikorwa vy’abaririmvyi ataco dusavye nk’abandi nkuko yavyivugiye. Twobamenyesha ko kandi asanzwe ari umu DANCEUR akomeye aho atamba mu murwi witwa TOP DANCE SWAGG.

Posted by NDIKUMANA Ezechiel

 

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s