YAGA SHOW ni EMISSION ikunda abantu bensha ubu bazoyirabira kuri YOU TUBE iremesha JUDIE-CAELLE


Abanywanyi bakunda umuziki w’uburundi besnhi barakunda cane gose ikiganiro“EMISSION” cacu citwa YAGA SHOW gica kuri Facebook yacu twise FRANCKPro aho dutumira Umuririmvyi canke Umuririmvyikazi bamubazwa ibibazo bitandukanye bijanye n’ibikorwa akora mu muziki w’uburundi agaheza akabishura aba fans biwe ntabari aba fans biwe bandika ibibazo vyabo muri COMMENT bakishirirwaho nkuko abantu benshi gushika n’ubu bagikunda cane kugikurikirana iminsi yose ya agatandatu muri WEEKEND.

Kuko muri YAGA SHOW baramenya vyinshi bataribazi kurabo baririmvyi na baririmvyikazi kiremesha umu Promoter benshi bazi kw’izina FRANCK Pro kiba ku munsi wa gatandatu isaha imwe y’ijoro gushika isaha zibiri z’ijoro niho kirangirira kandi abanywanyi mu muziki w’uburundi bari hanze y’igihugu c’uburundi badusaba ko boshobora kuza bagikurikirana mu kukirabira gica kuri YOU TUBE mu ntumbero yo gukomeza duteze imbere ibikorwa vy’umuririmvyi n’umuririmvyikazi biciye mu kiganiro YAGA SHOW.

12341251_1517357425230004_255127265491509024_nInkuru nziza cane gose igiye kuryohera abanywanyi b’ikiganiro YAGA SHOW bakurikirana umuziki w’uburundi basanzwe bagikunda twobamenyesha ko ubu kigiye kubasanga mumicungararo yanyu aho Umumenyeshamakurukazi JUDIE-CAELLA ari mumurwi wacu TEAM+257 FRANCK Pro akongera agakorera kw’iradiyo COLOMBE i Bujumbura mu Kamenge agiye kuzokwama akiremesha ari kumwe namwe amaso muyandi.

JUDIE-CAELLA akazoba yatumiye Umuririmvyi canke Umuririmvyikazi amubaza ibibazo bijanye n’ibikorwa yoba yimirije gusohora mu muziki w’uburundi canke agomba gushikiriza aba fans biwe akabivugira bakabimenya bakaba barabirindirana igishika cinshi nko gusohora indirimbo nshasha , ibiteramo, ama Video mukicara mubiziko umwanya n’umwanya ababishira k’umugaragaro bikabaryohera mu kabishima uko yayibateguriye mu kabandanya kumutera intege.

12391012_1518932961739117_7146721825165435797_nIkibanza kizoba kiriko kiberamwo ikiganiro“EMISSION”hazoba hariho muzoshobora kubaza ibibazo mushaka kumenya k’umutimire azoba yatumiwe kandi hakazoba hariho Cameraman kazoba arinakaryo keza ku bantu batazoba bashoboye gushika mu kibanza ca beremwo ico kiganiro abari mugihugu ntabari mugihugu muzoza mu gikirabira kuri YOU TUBE ingene  tuzoba twagishizeko uwo mu Cameraman  azofata amasanamu yitwa GORLY akorera muri SOKWE VIDEO n’umuhinyanyuzi adasanzwe akora Video y’abaririmvyi n’abaririmvyi bo mu Burundi.

11722301_1453180738318345_1402587955146667594_oTurakumenysha munywanyi ukunda ikiganiro YAGA SHOW y’uko ntuzoze ucikwa kurabira kuri You Tube n’uko woza uracitabira kizoba kiriko kirabera kiremesha JUDIE-CAELLE kandi tugiye kubamenyesha Umuririmvyi canke Umuririmvyikazi ar’umutimire tuzobabwira ikibanza kizoberamwo muzoze muri benshi mugikwirukirane aho azoba ariko abaza umutumire ibibazo bijanye n’umuziki w’uburundi yimirije kubashikiriza bitayeko mu kazoronkeraho akanya ko kumubaza namwe ibibazo vy’umuziki akora mutazi kuri we akabishura.

 

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s