MIRROR TEAM baherutse gusohora”UKIMPE”ufatiye ibihano umwe muri bo LANDRY GATEKA biteye ubwoba


Umurwi w’abaririmvyi MIRROR TEAM mushasha mu muziki w’uburundi ugize imisore 5 kandi waje utavyorosha ufise ingumvu nyinshi zukuryohera abanywanyi b’indirimbo zikirundi  aho waruherutse gusohora indirimbo nshasha ubu iramenyerwe cane kw’izina” UKIMPEyashimishije abantu benshi kuvaho batanguriye kuyumviriza bayakiriye neza cane kandi uwo murwi wakomeje ubemerera n’izindi indirimbo nshasha bazokwama bakora bakazumvisha aba fans babo.

Hari haciye indwi yose iyo ndirimbo UKIMPE isohotse y’umurwi w’abaririmvyi MIRROR TEAM uravye n’abamaze kuyumviriza kubuhinga ngurukanabumenyi ni benshi cane na canecane kuri You Tube ariho bayumviriza cane uko ibintu vyagenda bimera neza kuruwo murwi kubera Ukimpe,haje ukononekara kwababaje abantu batanguye kuwushikira aho umwe mu baririmvyi bagize Mirror Team yamenyesha ko atanze impihoho kwatazosubira gukorana n’abawugize.

13217460_1711306862477242_3781135543289037438_oUwo muririmvyi yitwa LANDRY GATEKA amenyerewe mu muziki w’uburundi atarifatanya n’umurwi w’abaririmvyi MIRROR TEAM yari afise aba fans benshi baryoherwa n’indirimbo ziwe yakora agasohora aha ni mu gihe indirimbo UKIMPE yayiririmvyemwo ishimisha abantu abenshi bayumviriza nawe vyaramuryoheye ukuntu ariho bagitanguye kubona bafise indirimbo imwe yonyene yambere igashimwa kandi baterwa intege MIRRO TEAM babandanye gukorana ishaka.

Ugutanga impihoho k’umurimvyi LANDRY GATEKA avuze y’uko awuvuyemwo  umurwi MIRROR TEAM yamenyesha abawugize naba fans biwe abicishije kuri Facebook na Whatsapp yavuze ati :”Pardon kubakunzi bakazi kanje ndazi ko j vs deçois m ntaguhitamwo mfise c la vie la vie ns oblig klk fois guheba ibintu dukunda kugira dushike kubindi tuna twipfuza ndasavye imbabazi bimwe bivuye ku mutima abagize umurwi Mirror Team nabari batanguye kudushigikira.

13048132_500460273498410_7171330207807701301_o
LANDRY GATEKA

Ikiryoheye n’uko hari umuryang mushasha nsize nubatse namazina mashasha nsize azompagararira,ndabasigiye kandi na video nshasha y’indirimbo Wana Mwiza n’ukuvuga ko izina ryanje rizohaguma igihe kitari gito naho gishobora kutaba kinini cane i will.miss u fans but tuzamana mu mpwemu Jah bless u all.

Amaze gutanga impihoho  Landry Gateka asezeye abagenzi biwe ba Mirror Team ntibigeze bamwishura n’ijambo ntarimwe kuvyo yashoboye gushikiriza kuko ngo yabikoze atigeze abagirisha inama abasezere imbonankubone mu kubabwira kawuvuyemwo awusigiye ibikorwa vyatanguye kumenyekana nkuko yavyanditse ico twobamenyesha abakunda indirimbo Ukimpe ya Mirror Team n’uko abawugize ntibashoboye kumwihanganira  bahavuye bamufatira ibihano babitangeje kw’igenekerezo rya 20/05/2016 biteye ubwoba.

13263877_507486716129099_7943146550178479243_nNiho bamufatira ibihano bikomeye bijanye nivyo ngo yaabararaje akabambura iteka nka MIRROR TEAM muma FACEBOOK na WHATSAPP bamusavye ibikurikira kugira awusubiremwo ngibi hano ibihano bamufatiye Umuririmvyi LANDRY GATEKA yari agize umurwi w’abaririmvyi Mirror Team warimwo imisore 5 ariko ubu basigaye ari 4.

Umuryango Mirror Team wakiriye inyifato yagizwe numu membre wayo Landry Gateka.
Tugerageje kwihweza post yagizwe na L.Gateka ntabwo yigeze idushimisha kuko yabikoze kugatwe kiwe Mirror Team atavyizi,biboneka ko atubahirije amategeko agenga Mirror Team kandi bivanye n’amajambo ari mwiyo post, biboneka ko ashira hasi abagize Mirror Team.13063232_1701790830095512_1333776513782563172_oNubwo munyuma yagize iyindi post imera nkiyivuguruza iyambere,mu nama yakozwe na Mirror Team yafatiye Landry Gateka ibihano bikwirikira:

-Gusaba ikigongwe abicishije kur Facebook na Watsapp nkuko yabigenjeje ubwambere
-Gusaba ikigongwe biciye kwi radio yaciyeko iyo nkuru.
-Yabogojwe mumabanga yubu conseiller
-Kutaririmba mu ndirimbo izokwirikira no kutagaragara muma sanamu yayo.

NB:Ivyo bidakurikijw,L.Gateka ntakibanza azoba agifis mumuryango Mirror Team.
Fait le 20/05/2016,par les membres de Mirror Team:

-Aimé loveness(Président)
-Nick(Secrétaire)
-Patrick dizzy(chargé communication)
-Sim Bizz(Disciplinaire)
-Landry SB(Grand Pictures)

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s