AFISA RAJ.B yagirije umurwi Wanajeshi Kamili wa BIG FIZZO ngo n’abasuma biba melody n’imistari ya Bongo Flava


Umuririmvyi AFISA RAJ.B uno mwaka kuvaho amenyesheje abanywanyi mu muziki w’uburundi ko yawugarutse hari mumpera z’umwaka 2015 yari yarafashe akaruhuko ariko ubu mu mwaka 2016 akomeza gukora neza bigashimwa nk’ugusohora indirimbo zibiri zose ziwe hamwe n’igiteramo yatumiwemwo mugihugu ca Kenya yashoboye kugikora mwa kino gihe yaraherutse gusohora indirimbo nshasha ivuga ubuzima bw’umuziki wiwe akora iranakunzwe cane niyitwa MY GAME yitazira y’uko ariwe RAPMASTER+257 ntawumwegera kuri Rap aririmba.

Amakuru agewezweho mu muziki w’uburundi twaraye turonse y’umuririmvyi Afisa Raj.B akora Hip Pop numwe mu baraperi bakomeye  ayo makuru twaronse nayajanye n’ukuntu abantu bakunda Buja Flava bariko bikeka kwagomba gusohora indirimbo nshasha idoma urutoke k’igihangange c’umuziki w’uburundi ni Umuririmvyi Big Fizzo bizwiko niwe yamwandikiye ya ndirimbo WHAT’S MY NAME  ibintu bigiye  bihazova bikomera hagati yabo canke muba fans babo nkuko batanguye kubikora bumvise Audio irimwo amajambo akomeye.

12743529_957226174331513_7775138085400513359_nAFISA RAJ.B ngo ukuntu amudoma urutoke kuri Big Fizzo n’umurwi wiwe w’abaririmvyi WANAJESHI KAMILA  bamwita GENERAL urimwo n’umuririmvyi T-Max rero ati n’abasuma biba ama Melody y’indirimbo zimaze gusohoka ikindi abagiriza n’abasuma b’imistari ngo bayikura muri Bongo Flava mugihugu ca Tanzania.

Akongera kavuga y’uko biba indirimbo imaze gukorerwa melody arababaza ngo mbega mwebwe mwabaye gute? umuririmvyi Afisa Raj.B yabandanije yagiriza ubusuma Big Fizzo n’umurwi Wanajeshi Kamili aratwara,mu kubabwira ko biba imistari ya Bongo Flava igatuma bamenyekana niho ngo mugatangura gufyoza batoya banyu bafise ubwenge bwo kwandika imistari y’indirimbo ntibibatera isoni.

10628661_788804041140818_8875808663742046142_oKandi Afisa Raj.B niyagarukirije aho adoma urutoke kuri Big Fizzo n’umurwi wiwe Wanajeshi Kamili mu kubabwira ngo twarabimenye igihe kirekire twashimye kuvyihorera ariko ubu munteye insesemwe jewe ndabivugiye k’umugaragaro mbega hagati yanyu ninde akaze nka FRANKI  kotubona mwaciye mumushira inyuma hama muca muramumanura LINK ntawuhari CANAL mukuru ntavya General muhaririye muvuge SUU ndabadondagure.

Ikindi yavuze abambwira Big Fizzo mundirimbo yakapera yazungurutse ama Group menshi ya Whatsapp yongeye aravuga ngo uwirukanwe mumuhanga nuwusubiye iwabo wotubwira iki wewe mu gihe uri MARIO ngo uraduza ibendera Buja wirirwa mumyonga utazi ningene wimotereza Studio canke ubayeho kubw’indoto ALLER RETOUR ALLER RETOUR nico uzona ntaco tubona ntabishasha ugira wewe uri kigugu namazi mw’izosi.

Ivyo akaba yabivugiye muri Audio aririmba akapera k’indirimbo nshasha itarashobora kumenyaka kwayizosohora aho abantu benshi bumvise Audio yiwe kuruyu wa gatatu igenkerezo rya 20/05/2016 izungurutse ama Group Whatsapp barimwo asanzwe avugirwamwo ivy’umuziki w’uburundi.

Yavuzwe ko vyinshi cane iyo Audio y’umuririmvyi Afisa Raj.B n’uko abashoboye kuyumva abiririmba mu kurapura adoma urutore k’umurwi w’abaririmvyi Wanajeshi Kamili wa Big Fizzo nawe niyamushize inyuma nkuko w tukaba tugiye kubandanya tubatohoreza neza nimba izoba ariyo ndirimbo yiwe nshasha canke hariho impamvu yoba babibawiye hama Audio agashima kuyikwiragiza hose.

Advertisements

One thought on “AFISA RAJ.B yagirije umurwi Wanajeshi Kamili wa BIG FIZZO ngo n’abasuma biba melody n’imistari ya Bongo Flava

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s