Ba bana batoya cane CHRIS & JUNIOR bazoteramisha abantu bo muntara ya CANKUZO


Haraciye iminsi mikeya cane gose ba bana batoya cane CHRIS & JUNIOR ni Abaririmvyi batavyorosha mu muziki w’uburundi bakundwa n’abantu benshi kubera ibikorwa bakora bishimisha benshi mu gukora indirimbo nama Video  zibaryohera kumviriza nukurabwa n’abantu benshi bakurikirana indirimbo nama Video ya Chris & Junior barashimishwa n’ibikorwa bashikizwa.

Ni mu gihe abo bana  batoya cane bafise ingabirano y’ukuririmba baherutse kumenyesha aba fans babo y’uko bavuye mu gacerere bari bamazemwo amezi ashika ane kuva uno mwaka utanguye ntibari bwigire bamenyesha y’uko hariho ibikorwa bishasha babateguriye kuzobaha ariko ubu bashimye kubishira k’umugararo aho bimirije gusohora indirimbo nshasha ndundi bise DUTAMBE iracarindiranywe igishika cinshi n’abantu benshi.

Chris-et-Junior1Abo bana batoya Chris & Junior bagarutse bafise inguvu zidasanzwe mu muziki w’uburundi nkuko baherutse kubimenyesha n’abanywanyi mu muziki ndundi gukora bataruhuka mu kubereka ibikorwa bateguriwe uno mwaka  batanguye bidasanzwe mu kwitegurira urugendo rukomeye muminsi iza  bazogenda muntara ya ruguru yitwa CANKUZO.

Chris & Junior bazoba bagiyeyo kubonana amaso muyandi naba fans babo mu biteramo bibiri bazokakora bikwirikirana atakuruhuka ruhuka kuko baziriye ko kuzobereka ubuhinga bazozanana mu guteramisha abantu bose bazovyitabira ibikorwa vyabo mwiyo minsi ibiri ngo bazokwatsa umuriro  muba fans abazohishikiriza mubiteramo bazkora kw’igenerezo rya 20/05/2016 hamwe n’igenekerezo rya 21/05/2016 ahitwa HOTEL GET UP  muntara ya Cankuzo.

1234691_502781299830330_1980637450_nAba fans b’abaririmvyi Chris & Junior  muba mu CANKUZO  mu zosidukaniyonka kuko  baje kuzobaryohera bikomeye kandi muzoryohera muri vyo biteramo bazokora kw’itariki 20-21 kuno kwezi  bavyitiwe izina “PEACE” bisobanura Amahoro anayo bazoba babazaniye nkuko babiteguriye neza  kuzobateramisha mundirimbo bazobaririmba kandi muzoshima muzoba murikumwe  kuri Hotel Get Up kwinjira ni 1000Fbu kimwe c’amafaranga y’amarundi.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s