USIBAKI KIMIA n’indirimbo nshasha ya FLORIS yakoranye na MAGIC SOLDIER buca isohoka muyumve


Umuhinyanyuzi FLORIS  arurangiranwa mu muziki w’uburundi aho abaririmvyi benshi b’abarundi bamwemera ukuntu ahinyanyura indirimbo zabo aho nawe asanzwe ari n’umuririmvyi afise indirimbo nyinshi ziryohera abantu benshi bazumviriza kuri we yaramaze amezi ari mugacerere adasohora indirimbo nimwe ayiha aba fans biwe bayumvirize benshi bibaza aho yagiye.

FLORIS ngo yamaze kugaruka kandi mu muziki w’uburundi k’uruhande rw’uburirimvyi akora mu kubamenyesha y’uko ahariho indirimbo yiwe nshasha ndundi agomba kubumvisha abanywanyi b’indirimbo ndundi nimwamara kuyumva ntankeka irabaryohera cane yitwa USIBAKI KIMIA ntisazanwe n’indirimbo iryoshe cane gose ikaze izobanezera abazoyumviza aho muri hose kubari bamaze amezi n’ayandi bamunyotowe kumwumva.

12310634_558794744272200_8271946356490405391_nAkabandanya abamenyesha y’uko iyo ndirimbo USIBAKI KIMIA agomba gusohora ayibumvishe ngo yayikoranye n’umuraperi w’umuririmvyi MAGIC SOLDIER KINGORONGORO haciye iminsi ibiri yonyene bahejeje kuyikora kandi akavuga ko agomba kuyibaha ku munsi ugira gatatu kuvaho bayirangije kuyikora neza bagashiramwo ubuhinga bukenewe kugira buryohere umuntu wese ayumvirije.

Umuhinyanyuzi Floris akanaba n’umuririmvyi akora umuziki w’uburundi arabereye abantu bose harimwo naba fans biwe mushaka kuyumva indirimbo Usibaki Kimia ngo aho bukera ku munsi wa agatatu igenekerezo rya 18/05/2016 irabashikiriza hasigaye amasaha makeya cane nkuko yabitwibiganiye buca ayirekura ikaja k’umugaragaro muheze muryoherwe nayo.

10397087_1511619705724952_7559702300514143258_oBanywanyi mu muziki w’uburundi nkuko mwavyumvise mu bimenyeshejwe na Floris ngo indirimbo Usibaki Kimia , iracari nshasha yakoranye na Magic Soldier ntimuzotangwe kuyumviriza muri benshi mwumve ingene baririmvye neza harimwo umudiho uryoheye amatwi eka  muzoyishima gume hafi mutangure guharura amasaha asigaye isohoke ejo.

Advertisements

One thought on “USIBAKI KIMIA n’indirimbo nshasha ya FLORIS yakoranye na MAGIC SOLDIER buca isohoka muyumve

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s