B-FACE mu Rwanda yahakoreye indirimbo rwiwe nshasha na YOYA JAMAL uyishaka kuyumva ambwire akajambo


Umuririmvyi B-FACE akongera akaba umuraperi wa Hip Pop akundwa n’abantu benshi ukuntu aririmba ariko ubu abarizwa mugihugu c’urwanda yajanyweyo kuhakorera ibikorwa vy’umuziki w’uburundi  aramaze kubitangura bimwe bimwe yarabishikirije aba fans biwe n’abanywanyi mu muziki w’uburundi aramaze gusohorerayo indirimbo nshasha imwe rwiwe  ayikoranye n’umuhanzi MICO THE BEST wo mu Rwanda benshi barashima intabwe yiwe.

Umuraperi B-Face iyuma yaho asohoreye iyondirimbo yiwe nshasha ndundi yise BIRARYOHA arikumwe na Mico The Best nkuko abamaze kuyumva baracavuga ko ari ndirimbo nziza ibaryohera bamutera intege bamubwira y’uko ashoboye gukora umuziki w’uburundi akuwuteza imbere baravye ukuntu aririmba arapura birabanezera nko mundirimbo Biraryoha nizindi nyinshi bamaze kumva yasohoye mu myaka iheze.

13173819_2121975691414317_6457410161366173987_nUmuririmvyi B-Face wumuraperi mu muziki w’uburundi yarari mugacerere ataco arabwira aba fans biwe ko yimirije kubumva nk’indirimbo nshasha ndundi yobaryohera nkuko yabikoze mundirimbo Biraryoha,n’uko amakuru agezweho mu muziki w’uburundi banyotewe gusubira kumwumva ubigira kabiri mu bikorwa vyiwe yatangura gukorera mugihugu c’urwanda arabamenyesha abantu bose mushaka kumva iyindi ndirimbo yiwe nshasha ndundi yuno mwaka izoba igize gatatu aho yatanguriye ku yitwa FORGIVE ME LORD hama BIRARYOHORA.

B-Face iy’icuro ya kabiri mu bikorwa vy’umuziki w’igihugu c’uburundi akorera mu Rwanda ngo aragarutse adasanzwe mukuza atavyorosha abarabamenyesha ko hariho indirimbo yiwe nshasha ndundi aherutse gukorera mugisagara ca Kigali ayikoranye numwe mu baririmvyi b’abarundi bakomeye cane mu muziki ndundi akundwa n’abantu benshi afise ubuhinga budasanzwe mu kuririmba bakaryoherwa n’uko abantu benshi  bamuzi kw’izina rya YOYA JAMAL  n’indirimbo yiwe Mot de Passe yakunze abayumviriza n’abayiraba.

13164388_1771928799694225_8548822881739885301_nArabamenyesha abanywanyi naba fans yiwe mukunda umuziki w’uburundi hamwe n’indirimbo ziwe muri Hip Pop arapura ngo iyo ndirimbo yiwe nshasha ndundi yakoranye na Yoya Jamal ababwira muyishaka bose kuyumva mutotangwa arabaha ikiringo azoyishorera ko mu kuyumviza bidahindutse izosohoka muri iyi ndwi,ngo yayise” STRESS “arabateguza kuyirindirana igishika cinshi mube muri benshi araziko izoryohera nimwayumva.

Mu kiganiro twakoranye n’umuririmvyi B-Face benshi muzi neza y’uko ari mu baririmvyi b’abarundi mukunda cane bakora Hip Pop aho yatumenyesha ibijanye nisohorwa ry’indirimbo yiwe nshasha ndundi yise STRESS mu kuyikorana n’umuririmvyi Yoya Jamal yavuze ngo bayikoranye mugihugu c’urwanda muri Studio yitwa FUTURE RECORDS imarazeyo igihe aracarindiriye ikiringo kigere yayihaye azoce ayisohora muvyumvize.

1443683740_img20150930wa0009Uno muririmvyi B-Face ngo yayikoranye n’umuririmvyi Yoya Jamal  barikumwe mu Rwanda atarashobora kugenda ibulaya kuraba umwana wiwe aheruka kuvuka kandi umuhinyanyuzi yayihinyanyuye n’umunyarwanda akorera muri yo Studio bamwitwa DAVID ninawe yahinyanyuye indirimbo yitwa BIRAKAZE ya Alpfa arikumwe na Kidum Kibido yakunzwe n’abanyarwanda benshi hamwe n’Abarundi.

Rero B-Face araabizera abanywanyi b’umuziki w’uburundi namwe ba fans biwe y’uko  indirimbo STRESS yiwe nshasha ndundi izoshobora  kuryoherwa nimwamara kuyumviriza neza muri iyi ndwi bidahindutse niho ayisohora mu kuyishira k’umugaragaro mu kuyumva kandi mugashima uburyo mwayumvisemwo kuko harimwo ubuhinga yakoreshejemwo na arikumwe na Yoya Jamal baririmba  nkuko mwashimye mu kumviriza indirimbo Biraryoha.

13178837_2121992641412622_5325286753873137848_n

Biraryoha By B-Face Ft Mico the Best

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s