Igiteramo ca LION STORY bakoreye mu Rwanda bateye agahinda Abarundi bibutse ko bari mu buhungiro bamwe bararira


Umuziki w’uburundi usanzwe ufise umurwi w’abaririmvyi LION STORY ukundwa n’abantu benshi kubera indirimbo zabo baririmba zirimwo ubutumwa bavuga atakurya umunwa canecane baririmba baravye ibiriko bibera mugihugu ca bibarutse aho ni mu gihe kuruyu wa gatatu kw’igenekerezo rya 11/05/2016 warufise igiteramo gikomeye cane bakoreye mugihugu kibanyi c’urwanda mugicagara ca Kigali ahitwa Murindi Japan One Love.

Ico giteramo ca Lion Story bagikoreye mu kibanza citwa Murindi Japan One Love i Kigali cajemwo abantu benshi cane  baruzuye benshi bari Abarundi basanzwe bari mu Rwanda bamwe bari mubihungiro  naho vyari bimeze uko ahubwo ngo abaririmvyi ba Loin Story bafashe akanya gatoya mu kubambwira y’uko bafate umwanya mutoya mu kwibuka igihugu  c’uburundi bavukiyemwo imbere y’ukubandanya babateramisha mundirimbo zabibukije vyinshi.

13124878_1127082633997972_7377901753701943634_nBamaze guheza kwibuka igihugu c’uburundi kugira babone kubandanya igiteramo cabo bari kuri Murindi Japan One Love n’uko Abarundi bose baciye baduza ca rimwe amajwi yabo hejuru bakoma induru nyinshi cane mu kuvugako badashimishwa n’ukuntu Umukuru w’igihugu c’uburundi, PETERO NKURUNZI atwara igihugu ayoboyemwo abanyagihugu.

Igiteramo c’umurwi w’abaririmvyi Lion Story aho i Kigali abacitabiriye bari benshi ahanini hari huzuyemwo Abarundi benshi cane kandi indirimbo baririmbirwa zose zari z’ibukije vyinshi Abarundi bari ngaho mubihungiro mu Rwanda aho  bumvamwo amajambo mundimbo za Lion Story yakozeko impunzi z’Abarundi  bari mubuhungiro ngo baracafise inyota yo gusubira mugihugu cabo c’uburundi ariko ntibibakundira ngo hakiri inzitizi z’ubutegetsi bubi mugutinya  boba inzirakarenganye bahohotewe.

dsc_4186

Mundirimbo bashoboye kuririmba zigaragramwo ayo majambo uno murwi w’abaririmvyi LION STORY ugize abantu 13 baririmbira Abarundi bitavye igiteramo nk’indirimbo yitwa TUZORUTSINDA kandi bamwe bararize aho umwe muri bo yavuze ngo uko turi hano twese dufise agahinda, nta n’umwe yishimye nyuma yaho bahise baririmba n’indirimbo ya Reggae bavuga bati nkumbuye kubona umuryango, nkumbuye kubona ab’iwacu mu rusisiro, nkumbuye kubona u Burundi.”

Abarundi hari bahishikiye mugiteramo c’umurwi w’abaririmvyi LION STORY bashimishijwe cane gose mu kuryoherwa bumvise indirimbo bateramishijwe ariyo TUZORUTSINDA bavuga bati urukundo rw’amahoro si umunezero, bamwe bararutanguye ariko ntibarusozera barata bakomoka nyamara umusoda w’intwari ntahemuka tuzorwana, ntituzahagarika kugeza gushika mu Burundi hayarwe ineza n’ubutungane butunganiriza bose neza.

dsc_4095Iyo ndirimbo Tuzorutsinda ya Lion Stion yibukije vyinshi Abarundi bari mugiteramo yabibukije ubuhungiro barimwo ahandi baririmba bavuga ati:”ibiriko bishikira Abarundi ivyo turabizi,ibiriko bibera mu Burundi isi yose irabibona,mugihe za Onu,mugihe amakungu bamabama basemerera ntaco bimubwira aguma yikinira umupira,Abarundi twarahagurutse mu rugamba rw’umwidegevyo tuzoguma turwana turwanira agateka ni muze turwane urwo rugamba tuzorutsinda Abanyagihugu.

Twosozera tubamenyesha y’uko ngo igiteramo ca Lion Story bakoze kuruyu wa gatatu kw’igenekerezo rya 11/05/2016 i Kigali kuri Murindi Japan ONE LOVE banejereje abantu bose bacitabiriye cane cane Abarundi nibo bari  bwinshi barashika kubihumbi barenga kandi abantu bariyo bose barashimye ukuntu babateramishije ndetse ngo babibukije agahinda bafise  mu buhungiro mu kuririmbirwa indirimbo nk’iyitwa:”Ijwi ry’Umunyagihugu,Ico Twipfuza,Tuzorutsinda,Yibaza Ngo,Ikangure.”

MU RABE AMAKFOTO YARANZE ICO GITERAMO BAKOREYE MUGIHUGU C’U RWANDA I KIGALI

dsc_4058-2

dsc_4110

dsc_4026

dsc_4262

dsc_4282

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s