Warubizi mugihugu c’uburundi hagiye gutorwa”MISS BURUNDI 2016-2017″umwigeme mwiza aciye ubwenge yiyubaha?


Mugihugu c’uburundi hariho abigeme benshi cane gose kandi beza baciye ubwenge mu mashure bigamwo eka niworaba ni beza nyene biyubaha bimwe vyakarorero rero amakuru agezweho adushiriye ubunyene n’uko kuruyu wa kane igenekerezo rya 12/05/2016 hazindutse haba imyeteguro yugutunganya ibikorwa vya MISS BURUNDI 2016 nkuko mubiziko atorwa n’Abarundi hamwe n’Abarundikazi aho bari hose.

Twobambwira y’uko MISS BURUNDI 2016 ashobora kuzotorwa aruko imyiteguro yaheze yo gutunganya ibikorwa bamaze guheza neza niho hazoca hatangura kumenyekana abigeme biyandikishije baciye ubwenge biyubaha bahiganirwa kuzoba MISS BURUNDI 2016 – 2017.

1463064272499

Ikindi ngo mu Burundi haheruka kuba kera ibintu vyogutora Miss Burundi n’uko umwaka uheze wa 2015 hagomba kumenyekana umwigeme aciye ubwenge yiyubaha mu gutorwa nka Miss Burundi 2015 ariko ntivyakunze murazi ivyabaye uwo mwaka uheze mugihugu ko hatari hameze neza nkuno mwaka.

1416082540_miss-dc9ba

Ikindi twovuga n’uko ishirahamwe risanzwe ritegura ihiganwa rya MISS BURUNDI rizwi kw’izina MISS BURUNDI IKIREZI rirongowe uwitwa VALERY MUCO nabwo rirashobora kumenyesha abigeme beza baciye ubwenge n’ukw’iyubaha ntibarashobora kubahagara biyandikishe baje guhiganwa hagaheza hakamenyekana uwabaye MISS BURUNDI 2016 atowe n’abantu bamuha amajwi nkuko twabibabwiye ko uno munsi ariho hatangura imyiteguro“PREPARATION” y’ugutunganya  ivya MISS BURUNDI 2016-2017 ni kurindira ibizovamwo bagahamagarwa kwiyandikisha.

melodie_mbonayo_12-70a47-2-e90df
Miss Burundi 2012 – MELODIE MBONAYO

Twobamenyesha y’uko igihanganwa rya MISS BURUNDI ryaheruka kuba mu mwaka 2011 aho hatowe umwigeme mwiza aciye ubwenge yiyubaha yitwa MELODIE MBONAYO  aho yatorwa nka Miss Burundi 2012 ikindi ico gihe n’uko ishirahamwe MISS BURUNDI IKIREZI mu gihe abigeme baza kwiyandikisha ryaraba umwigeme wese w’umurundikazi y’ashaka kwiyandikisha,yasabwa kuba afise hagati y’imyaka 18 na 24, afise uburebure bungana imetero 1 na centimetero 70 (1,70m) hamwe n’ukuntu yibona ubwiza aciye ubwenge agororotse yiyubaha akanubaha.

Ico twobabwira nk’abigeme beza b’Abarundikazi muciye ubwenge mwiyubaha mushaka kwiyandikisha muhatanira kuba MISSS BURUNDI 2016 ntiharamenyekana neza ibintu uno mwaka 2016 bazoraba mu kwiyandikisha rero murindire muzomenyeshwa hageze kwiyandikisha mugasabwa ibintu ngenderwako bitarwa n’ishirahamwe Miss Burundi Ikirere  ay’amakuru tuzobandanya tubamenyesha uko biteguwe tubibutse y’uko uno munsi itariki 12/05/2016 ariho hatanguye imyiteguro ya MISS BURUNDI 2016 -2017.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s