Ama”BADGE”yaba Journaliste bagize TEAM+257 FRANCK Pro yasohotse raba namwe


Umumenyeshamaku FRANCK Pro atagira imbibe akomeje kwerekana ko indoto “TRUE DREAMS” ziwe kuva kera zo guteza imbere umuziki w’uburundi zikomeje kuba ukuri aha ni mugihe yaraherutse kumenyesha abanywanyi mu mu muziki w’uburundi.

N’abaririmvyi hamwe n’abaririmvyikazi y’uko yazanye umugambi wo gukorana n’abamenyeshamakuru/kazi bafise ubuhinga n’ubukerebutsi bwo gutangaza umuziki w’uburundi ukaguma utera imbere aho ubu asigaye afise umurwi wabo witwa TEAM+257 FRANCK Pro ugize imisore 3 n’abigeme 2 bamwe bari mugisagara abandi muntara za rugu hagati.

13124964_2120233118255241_4237085062728787984_nAho ni mugihe yamenyesha ko TEAM+257 FRANCK Pro izokwama yishikiye ahari abaririmvyi n’abaririmvyika mwivyo bibanza twababwiye mu kuhakura amakuru agezwe mu muziki w’uburundi bakayashikiriza abantu bayanyotewe nkuko umu Promota FRANCK Pro abikora bagashima benshi bamumbwira y’uko atako agira mu kubereka y’uko ashaka guteza umuziki w’uburundi bwamwibarutse ko woshika kuntabwe nziza y’ukuguma utera imbere kuko icivugo ciwe yatanguje mu mwaka 2013 kiracari DUTEZE IMBERE UMUZIKI MU BURUNDI.

Uno mwanya ngo abamenyeshamakuru/kazi bagize TEAM+257 FRANCK Pro bamaze gutangura kuronswa amakarata “BADGE” abaranga mu gikorwa cabo co guteza imbere umuziki mu Burundi azokwama abaha uburenganzira bwo gushikira Umuririmvyi/kazi kanaka bagakorana nk’ibiganiro cangwe bakamusanga muma CONCERT abariko arakora.

1936229_2120233164921903_744737737834830758_n
NIKO AMA Badge AKOZE MUZOHORA MUBABONA BAYAMBAYE YANDITSE UKONYENE

Team+257 FRANCK Pro abayigize bamaze kuronka amakarata “BADGE”abaranga nkaba Journaliste b’igihugu c’u Burundi bakorera COMPY Team+257 FRANCK Pro ubu turabarira  Umuririmvyi canke Umuririmvyikazi ubonye bakurengutse ko bakagusaba amakuru agezweho mu gutangaza n’ukumenyekanisha  ibikorwa vyawe ukora mu muziki w’uburundi ubasavye bakwereka BADGE utobirengangiza kuyabaha mu kuyaga cangwe bagusanze muri CONCERT.

Ukayaba tugireko Team+257 FRANCK Pro tumenyesha banyakubahwa mutunganya ibiteramo “CONCERT” mutobankira kwinjira kuko igikorwa kizoba kibazanye arico Guteza Imbere Umuziki Mu Burundi hama turangize kandi tunamenyesha abanywanyi mu muziki w’uburundi ko TEAM+257 FRANCK Pro izoba yishikiye muri CONCERT  kizobera kuri LYCEE DU LAC TANGANYIKA kuwa gatandatu igenekerezo rya 14/05/2016 bakazohakuru amakuru agezweho mu muziki w’uburundi atari makeya bazoca bayashikiriza kurubuga rwacu http://www.FRANCKPROM.com nkuko twama tuyabaha buri umunsi biciye no kuri FACEBOOK yacu FRANCKPro.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s