CHOPPAH wo muri KENYA ngo baharure iminsi isigaye asohore indirimbo nshasha yiwe y’akoranye na ASHLEY wo mu Burundi


Abanywanyi mu muziki w’uburundi mwagumye mushaka kuzokumva indirimbo nshasha ya East Africa irimwo umuririmvyikazi Ashley  avuka mugihugu c’uburundi yakoranye numu Artist wo muri Kenya ariyo asigaye nawe ari,hasigaye iminsi mikeya iharurwa isohoke nkuko amakuru agezweho y’umuziki wa East Africa dukesha uwomu Kenya ngo abari bagifise inyota yo kuyumva irabashikira ni vuba kuko izina ry’indirimbo bakoranye yarishize k’umugaragaro izoba yitwa DIBI DIBI.

Aho uwo mu Artist azwi cane mu muziki wo mugihugu ca Kenya bamuzi kw’izina  CHOPPAH Dancehall King  abashimisha mundirimbo ziwe nama Video amaze gusohora n’uko yaraye amenyesheje aba fans biwe bakurikirana ibikorwa akora ko agomba kuzobumvisha indirimbo yiwe nshasha yaramaze iminsi ayikorana numwe mubigeme b’Abarundikazi  bakora umuziki w’uburundi ni Umuririmvyikazi ASHLEY kuko ni vuba azoyishora ambwira y’uko botangura guharura iminsi isigaye ije k’umugaragaro.

10409751_10201449468876915_8818470702079548039_n
CHOPPAH

Choppah y’ashoboye kubimenyesha  inyuma yaho Ashey nawe yaraherutse kubimenyesha aba fans biwe ko hariho indirimbo nshasha azokorana nuwo mu Kenya nyene mu kubambwira ko bayirindira kuyumviza kuko bayikoranye izotuma ana menyekanisha umuziki w’uburundi muri East Africa nkuko ni abigeme bake cane bamaze kubikora twovuga y’uko batenga umwe azoba abaye uwakabiri.

Aba fans b’umuririmvyikazi Ashley kuvaho mubimenyeye ko azokorana indirimbo nshasha arikumwe numu Kenya ,Chopppah mwaciye mpumutera intege akomeza akora cane muramushigikiye rero nkuko muvyumvise hasigaye iminsi mike  iharurwa isohoke iyo ndirimbo Dibi Dibi aho vyamenyeshejwe nuwo bayikoranye avuka mugihugu ca Kenya arizerako izoyohera benshi bazoyumviriza.

13076835_10204630721046231_7680924909317219477_nMbega nk’umunywanyi mu muziki w’uburundi mwumvise y’uko umu Artist Chopppah wo mugihugu ca Kenya amenyesha aba fans biwe bo muri Kenya ko botangura guharura iminsi izigaye kugira asohore indirimbo Bidi Bidi muyiteguriye gute namwe kuyumva canke mubona hariho intabwe k’umuririmvyikazi Ashley azoharonkera nk’umuririmvyikazi w’umurundikazi akoze Collabo East Africa amenyekanishije igihugu ciwe u Burundi?

Choppah Man ft Lizinka Loose Ma Mind

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s