IMPANO MU BURUNDI NI NYINSHI ZIHISHIJE


 

SWAIBA
SWAIBA 4REAL

Burya mu Burundi hari impano nyinshi zinyegeje mu bantu benshi . Uwo muririmvyi yitwa SWAIBA 4REAL AZI KURIRIMBA NEZA CANE KANDI AFISE INDIRIMBO NYINSHI CANE. ARIKO KUGIRA AMENYEKANE BIRAGOYE. Ni umwe muri benshi bataramenyekana kandi bafise kazoza kenshi cane. Vuba tugiye gushira ahabona indirimbo ziwe zose nkuko tugiye kubikorera abandi bose. Hariho abaririmvyi benshi cane bazi kuririmba ariko babuze ukunru bomenyekana kubera uburyo buke canke ukutamenya. Ivyo rero bikaba bibabaza cane Big promoter FRANCK PRO arico catumye arondera abamenyeshamakuru bashobora gukwira mu mihingo yose y’igihugu kugira barondere amakuru y’abaririmvyi b’abarundi bafise impano zo kuririmba.

 

Abicishije mu kinyamakuru ciwe, kandi afashijwe na TEAM +257 FRANCK PRO
BIYEMEJE KUMENYEKANISHA UMUZIKI W’UBURUNDI mu gushira ahabona ibikorwa vyabo haba ama audio,video concert n’ibindi bikorwa vyose bijanye n’umwuga wo kuririmba.

Tukamenyesha abaririmvyi bose baba mu burundi ko bokwegera abamenyeshamakuru b,ikinyamakuru candikira ku buhinga ngurukanabumenyi INTERNET http://www.yagatv.wordpress.com bakabaha amakuru y’ibikorwa vyabo bakabimenyekanisha nkuko twavyiyemeje. Tuboneyeho no kumenyesha aba producteur b’indirimbo ko boza barahamagara abo bamenyeshamakuru bakorera mu burundi bakababwira nabo ibikorwa vyabo mu ntumbero yo kumenyekanisha ibikorwa vyabo.

Kuva aho dutanguriye kumenyekanisha umuziki twarabonye ko hariho abaririmvyi benshi bafise indirimbo nyinshi ariko babura aho bazishikiriza. Vuba rero tugiye kubashira ahabona n’indirimbo zabo tuzishire ahabona kuko twasanze bafise impano zidasanzwe.

by Ezechiel

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s