Aigle F.C yatanguye kwitegurira ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi ry’umwaka uza n’ukugarukana abakinyi bawo bakina muyindi mirwi i Bujumbura


Mu ntara ya Makamba hasanzwe hariho umurwi ukina umupira w’amagura uzwi kw’izina rya AIGLE NOIRE F.C wahoze ufise amakinyi bakomakomeye imbere y’uko ukoroka mucicaro cambere benshi bacigiye bagenda gukina muyindi mirwi ikomakomeye yaha mu Burundi nohanze mucicaro cambere twovuga nka TAMBWE AMISSI , ARAKAZA ARTHUR ,EMILE,RUGO, KAMBARANGA n’abandi benshi barabica bigacika bakanezera aba fans babo bi Makamba.

Ubu uno mwaka 2016 umurwi  wa Aigle Noir F.c ukaba waramaze gusubira mu cicaro cambere n’umurwi ukomeye cane gose udasanzwe ufise abakinyi bakerebutse bakomakomeye bakiri imiyabaga nkuko baguma babigaragaza mu nkino nyinshi bamaze gukina mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi ry’uno mwaka 2016.

13166130_1127461093965498_6581468886032956634_nKandi abantu benshi barashima canecane abanyaMakamba barawukunda cane bagashima ingene uvyifatamwo neza cane gose mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru ry’uno mwaka mu Burundi aho ubarizwa mu kibanza ca kane inyuma y’ukangana urukino bakinye n’umurwi wa VITAL’O F.C kw’igenekerezo rya 05/05/2016,banganije ibitsindo 2-2 kuri Stade yabo i Makamba.

Umurwi  wa AIGLE NOIR F.C usigaje urukino rumwe rwa nyuma kugira barangize neza ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi“LIGUE A”rero umurongozi “PRESIDENT”w’umurwi wa Aigle Noir F.C wi Makamba nyakubahwa mutama Ndikuriyo Reverien,ahejeje kumenyesha y’uko abakinyi bawo batanguye kwitegurira ihiganwa ry’umupira w’amagura ry’umwaka uza ubu batanguye kuryitegurira hakiri kare cane.

12274651_1013489845362624_885495100795657033_n

Ndikuriyo Reverien y’abandanya amenyesha y’uko uwo murwi wiwe ukina umupira w’amaguru uzoca ugarukana abakinyi biwe bahoze bawukinira ubwambere ubu basigaye bakina muyindi mirwi nka Vital’o, Athletico, Éléphants, Jeunes Athlétiques, Bujumbura City, yaha i Bujumbura murumva ko bizoba bikomeye agomba kuwusubiza nkuko wamye kuva ukivuka ukibafise abo bakinyi yavuze y’uko azogarukana umwaka uza mugukinira Aigle Noir F.C ariwo umurwi wabo wabareze.

13177164_1127461203965487_247028412511361252_n
3 ème maillot du club Aigle Noir FC
13139090_1127461260632148_2008207098348141484_n
3 ème maillot du club Aigle Noir FC

Mw’ijambo umurongozi nyakubahwa mutama Ndikuriyo Reverien  ana twara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ahejeje gushikiriza kurubuga rwiwe mumwanya wahera amenyesha uko umurwi wa AIGLE NOIR F.C uko wagutangura kwitegurira ihiganwa ry’umupira w’amagura ry’umwaka uza mu Burundi aho yadondaguye ibintu bikurubikuru bizoba biwugize yatanguye avuga ati:

Mugihe hasigay urukino rumwe kugira ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi rirangire, umurwi wa Aigle Noir FC utanguy kwitegurira ihiganwa ry’umwaka uza.

13179195_1127461310632143_2461269531408201390_n
2 ème maillot du club Aigle Noir FC

1. Umwambaro mushasha waramaze gutegirwa ( niwo bambaye ku rukino rwabahuje na Vital’o) noir-blac comme Juventus. Hari na jaune-noir comme Dortmund Hamwe na 3 ème maillot noir-vert ( voir foto).
2. Trainings noir -blanc, sacoches noir -blanc , bouteilles, chasibles, 100 ballons, protéges, socks,
3. Un bus COASTER DE 26 PLACES
4. Bientôt EAGLE SPORT FM ( Juillet 2016).
5. Ubwugamo ( tribune 1) buzojamwo 7000 places
6. Kugarukana abakinyi bawo bakina muyindi mirwi: Vital’o, Athletico, Éléphants, Jeunes Athlétiques, Bujumbura City.
7. Kwongereza abakinyi bashaka
8. Kuduza abakinyi bakina muri Aigle Noir Junior.
9. Kuja Mwanza, Bukoba et Kampala pour matchs pre-saison.
10. Umwambaro w’abafana.

13177641_1127461690632105_3131964570972774771_n
2 ème maillot du club Aigle Noir FC

NB: Hamwe umurwi woguma mu kibanza ca 4 ( big fort), uwo murwi uriteze abazowufasha ( SPONSOR) biyongera kuri ITRACOM na YERA LIEN COACH.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s