TEAM+257 FRANCK Pro n’abamenyeshamakuru/Kazi baje guteza imbere umuziki w’uburundi bwose mbega ugize bande?


Inyuma yi minsi mikeya gusa Umumenyeshamakuru FRANCK Pro arondeye abantu bashika kuri 4 bafise ubuhinga ( Experience ) mugutangaza amakuru agezweho mu muziki w’uburundi ya baririmvyi na baririmvyikazi bashaka ko bokorana mugushikira icivugo ciwe yatanguje kuva umwaka 2013 yise DUTEZE IMBERE UMUZIKI MU BURUNDI nkuko bashoboye kuyaga nawe bakiyandikisha n’uko yashoboye kuronka abantu 5 biyemeje gukora ataguhengeshanya.

Gushika uno mwanya bamaze kumenyekana abantu 5 ni abenyeshamakuru/kazi bakaba baje kw’izina rya TEAM+257 FRANCK Pro hamwe n’icivugo DUTEZA IMBERE UMUZIKI W’UBURUNDI,ubu twashaka kumenyesha abanywanyi mu muziki w’uburundi ko mutotangwa kuzokwama mu kurikirana amakuru agezweho mu muziki w’uburundi bwacu mu zokwama mushikirizwa nabo buri umunsi bafadikanije n’umemyeshamakuru FRANCK Pro atagira imbibe mu gukora ukwashoboye arabeko umuziki w’uburundi bwamwibarutse wo guma utera uja imbere kandi abantu benshi baramushimira ku kuntu akora yitanga adahengeshanya rero TEAM+257 FRANCK Pro izanye impinduka idasanzwe muri cogikorwa.

13133154_2117978281814058_5153477431621970455_n

TEAM+257 FRANCK Pro tukaba twaje tutavyoroshe kubera ishaka ryo turarifise ryinshi mu bikorwa vyacu tuzokwama tubashikiriza mu kubaronderera abakuru agezweho mu muziki w’uburundi duciye mu kuyaga na baririmvyi hamwe na baririmvyikazi bakavuga ibikorwa vyabo bashaka gushira ahabona k’umugaragaro bimenye aba fans babo tukazokwama dukorana ishaka nkuko twabimenyereye aho tugiye kubazanira akabirya kadasanzwe mu muziki w’uburundi bwacu abagize TEAM+257 FRANCK Pro.

Murabo bantu 5 bagize Team+257 FRANCK Pro harimwo 3 baba mugisagara ca Bujumbura bazokorerayo mu kurondera amakuru agezweho y’umuziki w’uburundi bakazokora n’ibiganiro birandukanye harimwo ikiganiro YAGA SHOW kizoba LIVE ikindi abandi 2 baba muntara yo hagati ariyo GITEGA nabo bazokora bimwe bikomeye cane nkabagenzi babo ndetse bose uko ari 5.

Tugiye no gukoresha amakarata ( BADGE) abemerera gushika ahariko habera nk’ibiteramo aho bazitangura kwishikira mugiteramo gikomeye kigiye kuzobera kwishure rya LYCEE DU LAC TANGANYIKA catumiwemwo igihangange c’umuziki w’uburundi Superstar BIG FIZZO bazoshobora no gukorana ikiganiro YAGA SHOW.

Amazina y’abamenyeshamakuru/kazi batagira imbibe bagize TEAM+257 FRANCK Pro basanzwe bamenyereye ibikorwa nkibi vyukurondera nugutanganza amakuru agezweho mu muziki w’uburundi bwacu barazwi hariho 3 bakorera i BUJUMBURA n’uwitwa :
JAY-C JUDIE , EZECKIEL ,EDMOND ROSSIF hama ba 2 bakorera i Gitga n’uwitwa: MAMA CHANCE ,ERVE.

Turabandanya Team +257 FRANCK Pro turamenyesha tukaba twandika amakuru agezweho mu muziki ya baririmvyi na baririmvyikazi kurubuga rwacu www.yagatv.wordpress.com twaje tudasanzwe hazoca uwambaye kuko dushaka ko umuziki w’uburundi bwacu utere imbere aho gusubira inyuma turizera Imana ko izobidufashamwo kubikora kuko ntaco twokwishoboza tutabanje kubishira mu kiganza c’Uhoraho Imana.

Turangize tubwira umurirvyi n’umuririmvyirikazi wese akora umuziki w’uburundi yoba ashaka kwibikorwa vyiwe vyokwama bitangazwa mu kumenyana mu fans babo n’uko mutokwitinya kuzoshikira abo twandodaguye bari ngaho kubwanyu kugira mufashanye mugihe mu bahaye batangaze ibikorwa vyanyu bakabikora turabavuga nkiyo mugomba gusohora indirimbo nshasha ndundi

Canke gukora ibiteramo hamwe nugushaka baguhe ikiganiro Yaga Show  umenyekanishe ibikorwa vyawe ntuzokwitinye imiryango iriguruye dushikire tuzokwakira unakenye inomero za Telephone cangwe WHATSAPP tuzoziguha kugira tukomeze kuyaga duhuza imbere y’uko aba fans bawe n’abanywayi mu muziki w’uburundi ko babimenya bikabanezera nkuko vyamye.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s