TROUPE AMAGABA ukwije imyaka 2 umaze gukora ibikorwa vyo guterera umuganda wayo mugutera iteka imico n’akaranga vyu Burundi


Umurwi w’abaririmvyi TROUPE AMAGABA ndangakaranga n’imicokoma ukorera mugihugu c’u Burundi aho umaze amezi ubica bigacika kuri Video yabo nshasha yitwa VUMERA baherutse gusohora uno mwaka yerekanaga akaranga n’imicokama mu Burundi basigiwe n’abasogokuru kandi abantu benshi bamaze kuyibona bararyoherwa cane gose kubona hakiriho abantu bakibibutsa akaranga n’imicokama rero uwo murwi ukomeje n’ugutera iteka igihugu c’uburundi aho iyo Video nyene izoshobora kuzunguruka igihugu ca Canada yerekanwa.

Ukaba ukomeje gukora neza  mu muziki w’uburundi  mugusohora indirimbo  zijanye n’akaranga n’imicokama vyu Burundi,kandi abantu benshi abaziraba barakunda kuvugako babahimbara kumutima kubera bitaho cane gushira imbere imico n’akaranga vyamye biranga Abarundi n’Abarundikazi aho hambere na canecane benshi bavugako bashimishijwe n’indirimbo VUMERA baravye ukuntu ikoze muri Video hamwe n’amajambo meza yabaryoheye kumva gushika nunomunota baracayikunda nimba uri mu bantu boba batarayibona iyo Video VUMERA ya Troupe  Amagaba mushobora kuyisanga kurubuga rwa You Tube niho muyisanga.

13040927_1533687266936485_5282705221575733819_oAbantu bagize TROUPE AMAGARA  bamenyesha abanywanyi  b’umuziki w’uburundi muba mugisagara ca Bujumbura mukunda indirimbo z’akaranga n’imicokama basanzwe bakora ngo kuruyu wakane itariki 05/05/2016 uzoba ukwije  imyaka 2 umazemwo  ukora ibikorwa vyo vyawo muguterera umuganda wayo hamwe no mugutera iteka imico n’akaranga vyu Burundi babiciyshije muri zondirimbo mwamye mwumva kuvaho utanguriye umwuga  murabandanya mumenyeshwa y’uko mutosiba nimba mushaka kuza kwifatanya nabo muguhimbaza iyo myaka baravyemwo mu bakurikirana uko bakora mugushima.

Abarundi n’abarundikazi muba mugisagara ca Bujumbura murasabwe kudacikwa ibirori kuko Troupe“AMAGABA” izakuja guhimbaza imyaka 2 umaze utanguye ibikorwa vyawo vyo guterera umuganda ukomeye wayo mugutera iteka imico n’akaranga vy’igihugu c’u Burundi baguma bayikwiragiza mu bantu bose bavukiye mu Burundi ngo nidasanzwe baraza kuryoherwa kandi bikunze barabateramisha babaririmbira indirimbo zijanye n’akaranga n’imicokama vyu Burundi bakora buri gihe.
1556440_1378196259152254_1369743117064177835_oUwo murwi w’abaririmvyi Troupe Amagaba wabandanije umenyesha n’ikibanza muhuriramwo mumasaha y’igitondo kuno wakane igenekerezo rya 05/05/2016 muhimbaza hamwe imyaka 2 umaze mubikorwa vyo guterera umuganda wayo n’ugutera iteka imico n’akaranga vy’igihugu,muhurire kuri Cathédrale Régina Mundi mu misa y’isaha zibiri n’iminota icumi n’itanu ( 8h15 ) muhawe ikaze mwese mukuza kubafata mumugongo hama imisa niyahera muramenyeshwa ikibanza mujamwo kwivuna umusase.
12983959_1533687396936472_3055599466787571454_o
MURABE VIDEOVumera By Troupe Amagaba BAREUKA GUKORA UNO MWANYAKA 2016 IKOMEJE GUKUNDA ABARUNDI N’ABARUNDIKAZI BENSHI BARI MUBIHUGU BITANDUKANYE
Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s