MIRROR TEAM bakivutse mu muziki w’uburundi uzotangaza abantu benshi mugikorwa uzobaha ciswe”UKIMPE”


Mu muziki w’uburundi ukwimyaka iguma yitera imbere ninako haguma havuka abandi baririmvyi bashasha n’imirwi yabo bafise ingabirano zidasanzwe bashaka kuzishira ahabona mu bantu bakunda indirimbo zabo hamwe n’ibiteramo bikabanezera cane bakabatera intege zogukomeza ibikorwa.

Uy’umwaka hashoboye kuboneka uwundi Umurwi w’abaririmvyi witwa MIRROR TEAM uracari mushasha mu muziki w’uburundi nturamenyekana niho ukivuka ariko abawugize bavuga y’uko bazananye ishaka ridasanzwe mugukorwa mugashima abantu bose bazowukunda ukuntu ukora umwuga w’umuziki kuko bagiye kubanezera bazoza mubikorwa bakora mu kubashikiriza nk’indirimbo nshasha canke ibiteramo bitandukanya boshobora gutunganya mu kavyitabira.
13063232_1701790830095512_1333776513782563172_oUmurwi w’abaririmvyi Mirror Team ariho ugitangura bari basanzwe bazwi umwe wese aririmba ukwiwe umuziki w’uburundi ubu bashimye kujahamwe bagira umurwi mugiye kuzokwama mwumva burigihe ubazaniye ibibanezera nk’indirimbo nshasha bakora uno mwaka nimyaka irimbere ngo abtarashobora kuwemenya barabamenyesha hariho igikorwa bishasha cabo ca mbere kigiye kuzoja k’umugaragaro.
Abagize Mirror Team bavuga y’uko bikunze ku munsi w’Imana iyindwi bidahindutse banywanyi b’umuziki w’uburundi mugomba kumenya ibikorwa babazaniyeniho muzotangura kuwumenya neza mugihe umaze ukwezi kumwe ushoboye kwiyongera mu yindi imirwi y’abaririmvyi bo mu Burundi mwamaze
kumenyera ibaha indirimbo zibanezera.
Mirror Team kubatawuzi mushaka kuwumenya neza ngo n’umurwi mushasha w’abaririmvyi bazokora ukobashoboye mu muziki w’uburundi uwo murwi ugize imisore 5 imenyesha y’uko baje bazananye ingumvu nyinshi mubikorwa vyambere nibizokwirikira batanguye umwaka 2016 baratanguye imyiteguro idasanzwe y’ibikorwa bagiye kuzobashikiriza k’umugaragaro mu minsi irimbere mu birindirane igishika cinshi.
13123101_502064256671345_3735772771116176093_oUy’umurwi w’abaririmvyi Mirror Team uremeza ko hariho igikorwa gishasha b’abazaniye banywanyi b’umuziki w’uburundi mubanze muwumve neza kutaje gufyina mu mwuga ahubwo bashobora kuzobatangaza abantu benshi kuri cogikorwa gishasha bazanye n’indirimbo nshasha yambere yabo bazotangurira ko kubumvisha bashize k’umugaragaro kandi bayikoreye muri Studio yitwa Master Muzik ikoreramwo abahinyanyuzi babairi ni MasterLand na Dj Kolly barizeza abantu abazoyumva bose ko muzosyishima birenze.
Iyo ndirimbo nshasha yambere y’umurwi w’abaririmvyi Mirror Team umuntu ayumvise ukobayise atarawumenya kuko ariho ikivuka mu muziki w’uburundi ashobora gutangara akiryumva akibaza vyinshi bitandukanye ico bashatse kuririmba n’ukuvuga izoba yitwa UKIMPE ngo n’indirimbo nziza izobaryohera ivugamwo ibintu vyinshi vy’inkoramutima muzovyumva.
13082762_501944143350023_1631013038314962353_nUKIMPE y’umurwi Mirror Team bazoyibazanira muri yiminsi irimbere bashobora kuyisohora muyumve bayikoze kubuhinga bukomeye mu kugurura ibikorwa vyabo ninayo muzokumva kucuro yambere isamiranye mu banywanyi bose b’indirimbo zikirundi bazonezerwa bakandanya b’ababwira y’uko yahinyanyuwe n’umuhinyanyuzi MasterLand muri Studio Master niho bantu bose amutangura kumenya neza izina Mirror Team nicorije gukora mu muziki w’uburundi urimwo imisore 5.
Tworangiza tubamenyesha y’uko umurwi Mirror Team kubatarashobora kumenya amazina agize iyo misore 5 hariho uwitwa  Aimé Loveness,Patrick Dizzy,Sim Bizz,Nick ,Landry Gateka kandi ngo biyemeje guteza imbere umuziki w’uburundi mubihugu vyose bikorerwamwo umuziki haba na Africa yose nkuko mwavyumvise bagiye gusohora indirimbo nshasha yabo yambere bayise UKIMPE barabateguza abantu mushaka kuwumenya ko mwoyirindirana igishika cinshi izobaryohera kumviriza kuko barimwo ivyiyumviro vyiza bishobora kubafasha.
Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s