DOUBLE JAY ngo ageze ku bice 96% ashike ku bice 100% arondera”MPIKIBANZA”ushaka azoguheko ?


Umuririmvyi Double Jay asanzwe r’imvukira y’intara GITEGA akoreramwo umuziki w’uburundi arawumaze imyaka itari mikeya kuri we arashima intabwe agezeko nabamushigikira mubikorwa awukoramwo bigishimisha abantu benshi nkuko amaze iminsi y’aramenyesheje aba fans biwe.
Yatanguye gukora indirimbo nshasha azosohora mu mwaka 2016 yise MPIKIBANZA kandi aramaze kuraba abantu boba bibuka izina ry’indirimbo yiwe agomba gusohora vuba nabo ntibatevye kurimubwira yarashimye ukuntu bayikwirikiranye cane banayimusaba ayinyarutse isohoke bayumve.
11986594_497040133806374_348660499999867050_nUmuririmvyi Double Jay noneho aragarutse azananye umuriro mwinshi mu muziki w’uburundi akunda gukora no gushimisha abantu bamaze kumva indirimbo ziwe naho zitari ikirenga, abazaniye ya ndirimbo yiwe nshasha MPIKIBANZA y’aramaze iminsi ayikorera muri Studio yitwa Master Muzik.
 Ihinyanyuwe n’umuhinyanyuzi MasterLand nawe n’umuririmvyi ngo abayikeneye kuzoyumva mumaze iminsi muyishaka ntimuzotangwe kuyumva muminsi yavuba izobanezera na canecane abanyaGitega mu kirindiriye isohoke muzoyishima mwongere muyikunde neza cane kuko nawe arabonako izomushikana kure niyamara kuyirekura mukayumva.
12592356_1611907172465958_8874594264930903684_nIy’indirimbo MPIKIBANZA ntirasohoka y’umuririmvyi Double Jay nkuko abibona abantu ni benshi bayirindiranye igishika kuko hari bamwe bamubwira ko bayishaka kuyumva kandi kubwiwe arabizeza izosohora ar’indirimbo nziza iryoshe nkuko yabikoze mundirimbo “Sorry” aherutse gusubiramwo mururimi rw’ikirundi akoresheje abajambo yiwe ninayo benshi ubu bakunda.
Iyicuro igira kabiri kuri Double Jay n’uko azorushirizaho kubanezereza abaha iyondirimbo Mpikibanza mu kuyumviriza muri benshi ikabaryohera muzoyikunda ngo mushobora n’ugutangura kumva ubwambere imponjo yayo uko y’ayikoze nawe ntavyorosha ku ndirimbo zifise amajambo y’urukundo aryoshe kumva ayafitiyemwo ingabirano aho twovuga nk’indirimbo Gendamahora,mwakunze mu mwaka 2015 kubera amajambo y’urukundo yakoresheje akabanyura kumutiama.

 

Uno muririmvyi Double Jay ahisemwo gutangura kubumvisha  imponjo y’indirimbo MPIKIBANZA yiwe iracari nshasha ayihaye aba fans biwe nimba nawe urimwo canke ur’umunywanyi w’umuziki uyirindiriiye isohoke uyumva abakumenyesha y’uko igize ku bice 96% kugira yuzure ibice 100% aheze ayishire k’umugaragaro ayisohoke mu yumve yose.
13082753_1794667927433029_2360925960102939258_nDouble Jay ngo tangura mwumve iyo mponja hanyuma ni vuba irabashikira yose natwe twumvise ataco ibaye iraryoshe imeze neza nubwo ikir’imponjo ntutangwe kuyumva ugire ico uyivuzeko imbere yukuyumva yose igahera yose gushika ku bice 100% nkuko ubu igize ku bice 96% icari munzira kugira yuzure neza nkuko abishaka.
USHAKA KUMVIRIZA IMPINJO Y’INDIRIMBO Mpikibanza By Double Jay YIRABE MURI YOU TUBE Duteze Imbere Umuziki w’uburundi.
Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s