CYCY LA ROSSY n’ikibondo gishasha kivutse mu muziki w’uburundi nasanzwe mu kuririmba mwumvirize


Umuziki w’uburundi ubunye mu makuru duhejeje kuronka agezweho mutokwirengagiza gusoma n’uko uhejeje kuronka ikibondo gishasha kivutse mumuce w’abigeme akaba ari Umuririmvyi mushasha yitwa CYCY LA ROSSY aje atavyorosha k’ukuntu azananye ishaka ryinshi n’ingoga idasanzwe mu kuzobanezera mu muziki ndundi abantu bose bamushigikira.

Aho ashobora no kubatangaza bamwe bamwe aha ni mugihe ariho agitangura umwuga w’umuziki w’uburundi ariko umuntu aza kumviriza neza indirimbo yiwe nshasha ndundi akoze ubwambere aciye ayisohora iri k’umugaragaro wohava wibaza y’uko awurambiyemwo umuziki ndundi kandi hamwe yo komeza ibikorwa vyukuririmba azohava akora ibikorinka aryohera abantu benshi mundirimbo ndundi azokwama yasohoye nugukora ibiteramo.
13012724_1733933630153747_4193719478449044117_n
Umuririmvyikazi Cycy La Rossy nasanzwe kandi niho akiwutangura umwuga w’ukuririmba mugishira ahabona ibikorwa vyiwe vy’umuziki w’uburundi mu bantu bawukunda kuwu kwirikirana akabemeza bikomeye aho azananye uvuduko mwinshi umengo niyaje kuryama imbere y’abanywanyi b’umuziki ndundi ni mugihe aheruka kuja muri Studio AGAPE kuhakorera indirimbo 2 ndundi nshasha harimwo niyo yambere abazaniye mutangure wumve ingabirano ziweafise n’ubuhinga aririmbamwo indirimbo ndundi ikakuryohera uwuyumvise.

Iyo ndirimbo ndundi nshasha y’umuririmvyikazi  Cycy La Rossy mushasha yitwa :” MFISE IRUNGU “ wuyumva wese aratangura kumenya icoyaje gukora mu muziki w’uburundi anahava aharonkere naba fans bashobora kumufata mumugongo bamushikira mu kumutera intege abandanye abashimisha nkuko yatanguye kubumvisha igikorwa cambere c’indirimbo ndundi ntankeka aharonkera abantu batari bakeya bazokwama bashaka bamusaba abahe nizindi ndirimbo ziryohera amatwi kumva.

 MFISE IRUNGU y’umuririmvyikazi  Cycy La Rossy ntimutangwe kuyumva iraryoshe cane yarayitondeye kuyikora neza kubwiwe yashimye kuyibaha ubwambere muyumve mugire ico muyivuzeko nkuko hariho n’iyindi ndirimbo ndundi nshasha yiwe aherutse gukora ngo mu minsi irimbere azoyibumvisha nayo ni mwaheze kuryoherwa mu kumviriza MFISE IRUNGU yambere atanguriye ko ibanezere mwese muza kuyumviriza.
Mbega nk’umunywanyi w’indirimbo ndundi womuha ikaze mubwira akajambo kavuga gute umushigikira unamutera intege Umuririmvyikazi CYCY LA ROSSY ni mushasha  mu muziki w’uburundi naramenyera neza mu kwiyongera mu bandi baririmvyikazi ?
Mwari musanzwe bazi bakunze gusohora indirimbo ndundi zibaryohera mugashima mu kubatera intege bakomeze kubaha n’izindi nkuko nawe ashoboye kubaha indirimbo ndundi nshasha iyambere yise MFISE IRUNGU.

 

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s